Accueil > Amakuru > Ubutungane > Umwe mu rwaruka rwafatiwe kwa Nyakabeto yapfiriye mu Mpimba
Umwe mu rwaruka rwafatiwe kwa Nyakabeto yapfiriye mu Mpimba
mercredi 12 Ntwarante 2014
Bienvenu Busuguru, umwe mu rwaruka rwafatiwe mu Ngagara kwa Nyakabeto Justin, aho abo mu murwi CNTB (Commission Nationale des Terres et Autres Biens) bari bagiye kumusohora mu nzu, yitavye Imana mw’ibohero rikuru rya Mpimba, aho yari amaze amezi cumi apfungiwe, ku caha co kugumuka yakurikiranwako na bagenzi we.
Uwo yaguye mw’ibohero rikuru rya Mpimba, Bienvenu Busuguru w’imyaka 32 y’amavuka, yahitanwe n’indwara y’igituntu yamufatiye mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Amakuru ava aho mw’ibohero rikuru rya Mpimba avuga ko kuva aho umuhisi Bienvenu Busuguru amenyeye ko arwaye indwara y’igituntu, yarituye abaganga, baca bamwandikira ko yabandanya akurikiranwa atari mw’ibohero rikuru rya Mpimba.
- Bienvenu Busuguru yahitanwe n’indwara y’igituntu yanduriye mw’ibohero rikuru rya Mpimba
Uwo mupfungwa yitavye Imana ntiyashoboye guhabwa ayo mahirwe, kuko yaciye asubizwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, ari naho yaguye.
Egide Nduwimana
Messages
12 Ntwarante 2014, 21:07, par Tubirabe
Imana imwakire ariko abajejwe Mpimba bomenya ko amagara arikatihabwa.Ruriyabandi,rutatwibagiye.Bikebuke.
13 Ntwarante 2014, 08:07, par gahutu
hariho ruhora ihoze ivyo vyose irabibona...izo ntore zirirwa zishengera Ziriko zihorwa ukuri. turindire
13 Ntwarante 2014, 10:14, par Bukuru
Bitebe bitebuke, bizotinda bihinduka.
13 Ntwarante 2014, 10:14, par Bukuru
Bitebe bitebuke, bizotinda bihinduka.