IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura : Umwe yacumiswe imbugita kw’izosi n’umuporisi uwundi yakubiswe (...)

Bujumbura : Umwe yacumiswe imbugita kw’izosi n’umuporisi uwundi yakubiswe nk’inzoka

lundi 20 Nzero 2014

Umusore w’imyaka hagati ya 16 na 20 ava mu ntara ya Kayanza yakubiswe gushika n’aho ahakwa kwitaba Imana n’umuporisi yitwa Mwarabu, nk’uko vyavuzwe n’abanyagihugu bari iruhande y’ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura, ndetse bavuga ko bavyiboneye aho uyo mwana yatangura gukubitwa nk’inzoka, mu gihe ata n’amasaha 48 yari bwahere, uwundi nawe acumiswe imbugita kw’izosi n’umuporisi hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Intandaro ya vyose, bikaba vyavuye ku twuma uyo musore yoba yariko aratora ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura itarasha, uyo muporisi amukubise ijisho, aca amusimbirako, aramukubita asiga aryamitseko n’akabando. Abanyagihugu isinzi bakaba baciye bugariza ico kibanza kuri uyu wa 20 Nzero uyu mwaka, kuva igihe c’isaha zitatu n’igice gushika isaha zitanu, bakubita induru ku munwa, gushika n’aho haje igipori kimwe bita GMIR kugira gishobore kubanguranya abaporisi n’abanyagihugu, vyagaragara ko bagira bashiraneko.

Inyuma y’uguterana amajambo hagati y’isinzi ry’abanyagihugu n’abaporisi, umuduga twabariwe n’umwe mu baporisi bari aho ko ari uw’uwutwara GMIR akaba ariwo watwaye uyo mwana kwa muganga, vyaboneka ko aremvye cane, eka bamwe bakavuga ko atashobora kumara akanya kanini agihema, kuko yari yakubiswe bimwe vy’agahomere bunwa.

Umushingwamanza Armel Niyongere arongoye ACAT

Umushingwamanza Armel Niyongere arongoye ishirahamwe rukristu riharanira agateka ka zina muntu ACAT yari yishikiye muri ico kibanza, akaba yateye ivyatsi iyo nyifato igayitse y’abo baporisi bacungereye ahahoze hari isoko nkuru ya Bujumbura. Yasavye ko abanyagihugu bokwubahirizwa n’abajejwe kubakingira, ntibabe aribo babahohotera. Ndetse akaba yamenyesheje ko agiye gukurikirana ivy’uyo mwana yakubiswe nk’inzoka, haba aho ariko aravurirwa mu bitaro canke mu butungane.

Ako kajagari rero kakaba kabandanije, kuko abanyagihugu bagiriza abaporisi bacungereye ahahoze hari isoko nkuru ya Bujumbura, kuba binjira muri iyo soko, bagaheza bagatwara ibintu bitahiriyeyo mu mwaka uheze igihe ico kibanza casha kigatokombera, ibidandazwa vy’abanyagihugu bikahahonera, ivyoba bigikomeye rero, bikaba intandaro y’ugushamirana hagati y’abo baporisi n’abanyagihugu. bakabinyegeza muri zimwe mu nzu ziri iruhande y’iyo soko yahiye. Abo baporisi bagirijwe bakaba ataco bashimye kuvuga kuri ivyo vyose bagirizwa n’abanyagihugu.

Tukaba twobamenyesha ko kuri uyu wa gatandatu naho igenekerezo rya 18 Nzero, umuporisi yacumise imbugita kw’izosi umudandaza mutoya atembereza utuntu muntoke, igihe abo baporisi bariko basiganwa n’abanyagihugu batembereza utuntu mw’ibarabara bashaka kutubaka iruhande ya Palais des arts, inyuma y’aho abanyagihugu bankiye ko babibatwara, akaguma karaduka, ariko guca umuporisi asimbira kw’izosi ry’uyo munyagihugu, akamucumita iyo mbugita.

Iyo ngendo y’abaporisi rero ikaba yiyamirizwa n’abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bakurikiranye icumitwa imbugita ry’uwambere, n’ikubitwa ry’uwakabiri mu gatondo ko kuri uyu wa mbere. Basaba abakuru mu giporisi gukurikiranira hagufi ibikorwa vy’abo barongoye no kubaha inyigisho z’ugusonera imibiri y’abanyagihugu, kuko bimaze kugaragara ko abaporisi bashitse mu banyagihugu, babafata nk’inyamaswa, uwo bafashe bagakubita, canke bakamukomeretsa bakoresheje ibikoresho vyabo bagendana.

Umunyagihugu yakubitiwe mu maso y'abaporisi yagirijwe kwiba umusipi wo kwambaza ipantaro, vyanse ko batabara kubera imishamirano yari hagati y'abanyagihugu n'abaporisi

Aristide Nizigire

Messages

  • Yeweeee ndumiwe koko abo bashonji baba polici ntabwo mbise polici ndabise impfinsi kuko ni ibikoko ni inzoka mbi mubantu .bariko baronona ubuzima bwa benewacu urumva iyo bamfuma bamufata bakamumfunga ntibamwankirize ubuzima buragora mwa bapolici mwe muzohanwa ni yabaremye kandi wicisha inkota nawe uzokwicishwa iyindi ndabagaye nta polici irimwo itubahiriza abo ijejwe gikingira.muzobona namwebwe.uyu munsi wishe mugenzi wawe ejo ni wewe.

  • Mbivuga mukanseka, aba CNDD bavuye mw’ishyamba bari bakeneye gukorerwa Therapy mbereyo kujya mu kazi, kuko ntiwava mw’ishyamba ngo ujye kubungabunga amagara y’abantu. Ikindi nuko amakuru nahawe n’umusoda akora mu biro bijejwe igendereza(spy) i bujumbura yavuzeko uwo musore ari umututsi wo mu kayanza naho uwo mu police akaba umuhutu ava mu ntara karuzi

  • Yemwe yemwe, abo bapolisi batowe mw’ishamba rya hehe. None abo tubita abajejwe umutekano, murabe mubona ayo n’amaraso y’abantu banyoye aguma ababirurukamwo dukwiye kwitwarira igipolisi, ntimwumva kw’arakamaramaza.

  • Amakuru nahawe n’umusoda akomeye akora mu biro by’iperereza i bujumbura aremezako CNDD imaze iminsi yica abasore kuva ku myaka 15-35ans mu ntara zose zigize u Burundi. ibyo bikorwa ku manywa izuba riva abajejwe intwaro bakavugako ari ubushamirane hagati y’abanyagihugu. Umututsikazi wo mw’ i JENDA aherutse gukubitwa n’IMBONERAKURE(ariko harimo umusoda yiyoberanije) kugeza ahezemo umwuka(died) hari saa sita(12h00) nategerejeko byavugwa ndaheba. Please ntimuzatwica ngo mutumare, never. Enough is Enough

  • ahubwo abantu twumiwe. raba urya mugabo yakubiswe azira umusipi gusika naho ipataro yiwe iteba ikajoba, umwana yacumiswe, uwundi yakubiswe ashaka gupfa, abo baporisi bakora ivyo baragowe, bazopfa bayerera nka gahini

  • Uwiyise Karikurubu, uribazako ikibazo arukwo aboba police bavuyemwishaba? Nkanabaza uwiyise Karikurubu Alias Musongati, yavuzengo yahawinkuru numusirikare mukuru womurwegwo rukomeye rwiperereza ko CNDD imazimisi yica imisore kuvakumwaka 15-35ans muntarazose, Urabeshe kandi urabesheye uwariwewese yobakora mwiperereza ryu Burundi gusabinyeretseko wanka urwego rwi Burundi rwi perereza’ kandiwashatse kwerekanako abajejwe iperereza bashoborakuvuga ibintu bitagira iyobiva iyobija. Ngokwica abasore bimyaka 15-35ans!!!!!?

  • Wewe wiyise KARIKURUBU,vana ibigambo aho wamunyarwanda we!!Urumva ingene yigira igitangaza ngo amakuru yakuye mw’iperereza.!!Ayo macakubiriyatware iwanyu mu Rwanda nico gituma muzopfa muryana

  • mbega bagenzi ntimurakira? ko mbona amacakubiri yabuzuye inda.UBWO abandika ivyo n abarundi. nimwiyambike agashambara.hama ino iwacu uwivye s ubwambere baramukubita agashaya d’ailleur akubitwa n ibisuma nkawe nyene.jw ico mbona exode rural irakwiy kugabanuka. kuko abantu bazokwama barapfa bazira ubusa. Imisore iri mugisagara ataco ihakora ni myinshi n inzara turetse aba polisi izobamara. abandi nabo bazo kubitwa n abapolisi. polisi nawe kora akazi kawe ko gucungera umutekano, uwuwuhungabanije mu mushikirize ubutungane ubahane. Mwabanyarwanda mwe mutanezerejwe n ibiba iwacu subira iwanyu hama mworohegwe.

  • @burundiano, weho ubure kubabazwa n’uko inzego z’iperereza zimpa amakuru kandi ndi umu civile??? ubabajwe nuko ndi umunyarwanda??? you are so fun my friend. None dore mufunze na Rufyikiri???? sha muriko muricukurira umwobo

  • Karikurubu who is fun? Burundiano is not fun but you are so very crazyone anywas yes you are or mad, urabona nguripfuriza guturira Burundi nabarundi ivyo utwibazako ntibikunda iwacu, twararyanye turaturatuzanya imyaka myishi, imirwi igizwe namokoyose yarihanganye nobwo yarigishoboye kugumahanganye ariko bose bahisemwo guhagarika kurwana bacabahitamwo gushiringuvuhamwe kugira bashobore kuzoza barahangana nabantu babasi bigihugucacu cu Burundi nabarundi abantubamezenkawe rero dukomeza kubirinda kandi tutirengagije kubarwanya twivuyinyuma. Ariko tukongera kurungika intumwa hiryanohino kwisi kugirazikwiragize ukwihanganiranira twagize impande zose mubotwarunditse harimwo nuwigeze kurongora igihugucacu karikurubu warazimiye urazoronderera ahandi.

  • NIMUGIRE ICO MUBAFASHA.NKARETA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.