Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwigeme w’imyaka 17 mu batahukanye agashimwe kitiriwe amahoro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umwigeme w’imyaka 17 mu batahukanye agashimwe kitiriwe amahoro

Umwigeme w’imyaka 17 mu batahukanye agashimwe kitiriwe amahoro

vendredi 10 Gitugutu 2014

Agashimwe kitiriwe amahoro katahukanye umwigeme w’umunyapakistane Malala, akaba ari na muto mubari bamaze kukaronka bose, uwundi yakahawe azwi kw’izina rya Kailash Satyarthi. nawe ava mu gihugu c’ Ubuhindi.

Ako gashimwe bagahawe kuko bagwanije cane amabi akorerwa abana n’urwaruka hamwe n’uko bagwaniye kugira abana bose bashobore nabo kuja mu mashure. ‘’Abana bategerezwa kuja kw’ishure bakareka gufatwa nabi babahendesha udufaranga tw’intica ntikize, bivugwa n’umukuru w’umurwi ujejwe gutanga ubwo bushimwe bwitiriwe amahoro Thorbjoern Jagland.

Abo rero baronkejwe udushimwe bivugwa ko batahana nirwere naza ntagondwa z’aba Talibans kuko barwanira agateka k’abigeme kugira nabo bashobore kuja kw’ishure. Malala Youzafasai, afise imyaka 17 gusa, akaba ariwe wa mbere aronse ako gashimwe afise imyaka nk’iyo kuva ako gashimwe gatangura gutangwa, imyaka 114 iraheze. Igihe kitari gito kiraheze uwo mwigeme aharanira agateka k’abigeme kugira nabo baje mu mashure, ivyo rero yarahatswe no kubizira mu guhakwa kugandagurwa kuwa 9 Gitugutu umwaka w’2012.

Mugenzi we nawe Kailash Satyarthi asanzwe atazwi cane n’abantu benshi afise imyaka 60, akaba yararongoye imyiyerekano agwanya ihohoterwa ry’abana ivyo vyose akaba yabikora mu mutekano ntangere, aho yakurikiza akarorero ka Mahatma Gandhi asanzwe ari nawe yarondereye intahe y’ukwikukira igihugu ciwe c’Ubuhindi.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.