Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwiherero wo gutora umu Papa mushasha uratangura kuri uno mugoroba - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umwiherero wo gutora umu Papa mushasha uratangura kuri uno mugoroba

Umwiherero wo gutora umu Papa mushasha uratangura kuri uno mugoroba

mardi 12 Ntwarante 2013

Umuji wi Vaticano kuva ku muhingamo w’uyu musi wa kabiri,abakaridinari bahava biyugaranira mu nyubakwa y’urubanza rwa nyuma ‘’jugement dernier’’ z’umumarayika Mikayeri kugira batore umu papa mushasha w’ekleziya katolika.

Abakaridinari ijana na cumi na batanu bose bafise imyaka iri musi ya mirongo umunani abo bose bakaba bava mu bihugu mirongo ine n’umunani baraja kwiherera kuva isaha cumi n’igice z’umuhingamo mu gasengero gato“sixtine” aho bazosohoka batoye umu papa azosubirira Benedicto wa XVI.

Kuri uwu wa kabiri hakaba haza kuba amatora ya mbere aho batora amazina amwame ,muri ayo hakaba atanarimwe ryari bwaboneke kuva papa atanze imihoho kubwo imvo zingwara.

Umu karidinari wo muri afrika y’epfo Wilfri Fox Napier akaba yashikirije ko biteguye cane kuja muri iryo tora rya papa kandi rikazoteba cane kurusha iriheruka.Mu bihumbi bibiri na gatanu Yozefu Ratzinger yari yaratowe kw’izina rya Benedicto wa XVI mu masaha atarenga 24 kandi amatora yabaye incuro zine gusa.

‘’Ayo matora akazomara imisi ine canke itanu’’ niko yibaza .Mu bikorwa vy’umwiherero cenda vyo gutora umu papa vyakozwe vyaba kenshi nk’imisi itatu tugereranije kandi nta narimwe vyigeze birenza imisi itanu.

Ku bantu babirabira hafi ,nk’umutaliano angelo scola,umwepiscopi Milan hamwe numu nya brezilia sao Paulo biboneka ko ayo mazina yabo ashobora kuba afise amahirwe yogutorwa mugabo hariho n’ayandi mazina yavuzwe bikaba vyerekana ko ari benshi bahiganirwa ico kibanza.

‘’Haraheze igihe hari umugabo w’igihagararo cane kurusha n’abandi ba karidinari bandi bose’’, vyavuzwe mu bimenyeshamakuru n’umwepiscopi wi lyon karidinari philippe Barbarin.
Sico kimwe nubu ,itorwa rishobora kuba hagati y’umwe ,babiri,batatu ,bane abashika cumi bitoza(…).Gushika ubu ntanakimwe tuzi nukuri.Reka turindire ibiva muri ayo matora ya mbere.

Hagati y’ibinjana vya 16 na 18 nta numwe yaronse amajwi menshi yabitoza ibice bibiri kuri bitatu n’ ukuvuga amajwi mirongo irindwi n’indwi mu matora ya mbere.Abakardinari bazotegura amatora gushika incuro zine imisi ikurikira mu gatondo abiri,n’inyuma y’umutaga abiri gushika aho batora umu papa mushasha.

Intumbero nukugira baronke uwurongoye ekleziya katolika mu gihe bari mu kwinjira mu misi mikuru y’indwi nyeranda izotangura ku musi w’ibisandasanda igenekerezo rya 24 ntwarante bizosozerwa n’indwi ya pasika yerekana izuka rya kiristo.

Gusa umwotsi wera niwasohoka hejuru yaho bariko baratorera aho rero bizoshobora kumenyekana kubari hanze ko bokurikirana ayo matora.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.