Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwimbu w’uku kwezi kwa ruheshi urashimishije mu kigega OBR - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Umwimbu w’uku kwezi kwa ruheshi urashimishije mu kigega OBR

Umwimbu w’uku kwezi kwa ruheshi urashimishije mu kigega OBR

lundi 8 Mukakaro 2013

Mu kigega OBR umwimbu w’uku kwezi kwa ruheshi urashimishije ,Nk’uko bivugwa n’itangazo ry’ikigega gitoza amakori OBR ,ibiharuro vy’umwimbu bikaba vyerekana ko ico kigega canduje amafranga agera ku miriyaridi 53,42 vy’amafranga y’amarundi mu mwaka wa 2013.Umwimbu ukaba rero wariyongereye kugera ku bice 3,62 kw’ijana ugereranije nivyo bari biteze kuko ikigo OBR cari kirindiye imiriyaridi zigera ku 51,56 gusa muri uku kwezi kwa gatandatu guheze .

Ikirenze ,umwimbu wo muri ruheshi umwaka wa 2013 werekana ko hiyongereyeko ibice 11,91 vy’imiliaridi y’amafranga y’amarundi ,ugereranije nayo baribatoje mu kwezi kwa gatandatu umwaka 2012,n’ukuvuga hongerekanyeko ibice 28,70 kw’ijana .

Ico kigega OBR kikaba catoje amafranga agera ku miriaridi 270,28 z’amafranga y’amarundi muri aya mezi 6 y’umwaka wa 2013,ugereranije n’amafranga yatojwe agera ku miriyaridi 260,69 y’amafranga y’amarundi yatojwe muri ico gihe nyene mu mwaka wa 2012.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.