Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umwuzukuru wa Mandela yitandukanije n’umuryango ku hazohambwa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Umwuzukuru wa Mandela yitandukanije n’umuryango ku hazohambwa (...)

Umwuzukuru wa Mandela yitandukanije n’umuryango ku hazohambwa sekuru

mardi 2 Mukakaro 2013

Bugingo n’ubu uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Africa y’ Epfo Nelson mandela amagara akimukitse ,umuryango wiwe uguma ushamiranye ku vyerekeye aho uwo munyacubahiro azohambwa. Izo ndyane zonona izina rya Mandela ziza zaramaze gushikirizwa muri sentare ku vyerekeye imva zivurwa n’abana ba Madiba ariwe Mandela.

Umushaha wa Mandela nta mahoro ufise, ivyo vyavuzwe n’ikinyamakuru Sunday times kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 30 Ruheshi, uhumure wo mu karere kavamwo umuvyeyi wa Nelson Mandela. Kndi ngo umushaha wiwe uracari kure gutekana ivyo bimenyeshwa n’abamenyeshamakuru bo muri Afrika y’Epfo aho baguma bakurikirana ukwutumvikana hagati y’umuryango wa Mandela ku vyerekeye aho azohambwa. Uwo muryango uriko ucanamwo kubvwo ikibanza uzohambamwo Nelson Mandell. Umwuzukuru wiwe Mandla yatanze iciyumviro ko uwo sekuru wiwe yohambwa ahitwa Mvezo, aho asanzwe avuka mu karere ka Cap y’Ubuseruko.

Uwo yatumye arwanya intwara y’agacinyizo ifatiye ku rukoba muri Afrika y’ Epfo yariyarasavye ko yohambwa i Qunu, agasagara kari ku birometero 25 vy’aho Madiba yakuriye. Si irya mbere uwo mwuzukuru wiwe Mandla yitandukanya n’abavukanyi biwe, Nelson Mandela afise abuzukuru 17 hamwe n’abuzukuruza 14. Mu mwaka wa 2011, atabajije n’umwe uwo mwuzukuru wa mandela ariwe Mandla, yari yafashe ata n’umwe agishije inama afata ingingo yo kuzura ibiziga 3 vy’abana ba Mandela, Makaziwe, Thembekile hamwe na Magkatho, aho bari bahambwe i Qunu kugira aje kubahamba i Mvezo. Ubutungane bukaba bwasaba ko ivyo biziga vyosubizwa i Qunu .


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.