IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > UNICEF Burundi yatanze ibikoresho ku banyeshuri bo mu mashuri (...)

UNICEF Burundi yatanze ibikoresho ku banyeshuri bo mu mashuri y’intango

mardi 22 Nyakanga 2015

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka k’abana rifadikanije n’ubushikiranganji bw’indero,inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi,ryaratanze ibikoresho vy’ishuri ku bana biga m mashuri y’intango mu ntumbero yo kubafasha gutangura neza umwaka w’ishuri w’2015-2016.

Ivyo bikoresho bigizwe n’amakaye,amasakoshi yo gutwaramwo ibikoresho,hamwe n’ibindi bikoresho vyo mw’ishuri nivyo bizotangwa ku banyeshuri barenga ibihumbi 250 hamwe n’abigisha 3500 bo ku mashuri 420 yo mu ntara za Muyinga, Kirundo, Rumonge, Makamba, Cankuzo, Rutana na Ruyigi.

Nkuko vyashikirijwe na Bo Viktor Nylund aserukira ishirahamwe UNICEF mu Burundi,ivyo bikoresho bizofasha abana kuja kw’ishuri,kuguma kw’ishuri hamwe no gutuma baronka amanota meza mu vyigwa.

Bo Viktor Nylund amenyesha ko abana benshi bakozweko n’amashuri yugawe mu gihe kire kire mu mpera z’umwaka w’ishuri w’2014-2015,rero ko ari ngombwa ko abana basubira kw’ishuri kandi bakiga mu bihe vyiza bishoboka.

Mwomenya ko umwana wese azoronka ikaye 6,ikaramu y’ubururu,ikaramu y’igiti,agacamurongo hamwe n’agafutisho,mu gihe ishuri ryose rizoronka amakarato 12 y’ingwa zera na 6 y’ingwa z’irangi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Murakoze bavyeyi gufata mumugongo abanabu Burundi nibwo Burundi kandinibo barundi. Turashimira abarundi basanzwe arabasenzi kuko amasengeshoyabo ntabwo arimpfagusa haramaze kuboneka ibimenyetso vyishi vyerekanako amasengesho yanyu Imana iyakira Amen? Nimwabona habayeho ibitagenzeneza ntimuzohavemurogota kw’Imana kukomumenyenezako mudasenga kugira muhanagure ibibivyose vyahamw’Isi hariho ibibi bizovaho aruko Imana izobitwaye abayikoreye neza ikabajana atari kubabara u kundi.

  • Uzoze Urabe Ko Batabaha Ikaye Imwe Imwe Amasakoshi Nayo Yose Uzoyasanga Mwisoko Hamwe Nizo Ngwa Nyene Mana Dufashe Ntibazobishore

  • Uzoze urabeko utabisanga mwisoko vyose ba DPE babishoye vyose abana bakabahendesha agakaye kamwe kamwe Mana Dufashe ntibazobidandaze

  • Uzoze urabeko utabisanga mwisoko vyose ba DPE babishoye vyose abana bakabahendesha agakaye kamwe kamwe Mana Dufashe ntibazobidandaze

  • Turashimiye Iry Shrahamwe Ryahisemwo Gufasha Urwo Rwaruka.

  • Ivyo vyose uzobisanga mwisoko aba DpE babishoye ugomba uzompinyuze umwana azoronka ikaye2 zonyene. isakoshi mwisoko uzosanga iri kwicumi nabibiri canke nabitanu kubera yanditseko UNICEF ingwa uzozisanga zanze muma boutique Mana dufashe ntibaze babishore!

  • BAZOYAHA ABANA BOSE GUSHIKA MU WA GATANDATU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.