IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > UPEP : Basaba Leta gutanga inyigisho mu gukomeza umugambi w’ishure (...)

UPEP : Basaba Leta gutanga inyigisho mu gukomeza umugambi w’ishure nshingiro

mardi 10 Nyakanga 2013

Mu gihe amashure atandukanye y’abikorera utwabo aja yatanguye imirimo, ingorane mu mugambi wa Leta ujanye n’ishure nshingiro zo ntizibuze kuko abigisha atari bake muri ayo mashure y’abikorera utwabo, batashoboye kuronswa inyigisho zizotuma bashobora kuja ku rugero rumwe n’amashure ya Leta mu nyigisho nshasha z’ishure nshingiro.

Mu kiganiro icegera ca UPEP (Union pour la Promotion des Ecoles Privés) yahaye ikinyamakuru IGIHE, yavuze ko uwo mugambi wa Leta w’ishure nshingiro ari umugambi mwiza, kuko uzotuma abana bazoheza umwaka w’icenda bazoba bashoboye kwitunganiriza imigambi yabo yiterambere. Aha akavuga nk’abazoba bashoboye kwiga ibijanye n’uburimyi, ukworora, ugucura ivyuma, n’ibindi vyirwa vy’imyuga.

Ingorane ariko aho ziri muri ayo mashure y’abigenga ni ukwo atabirasi bafise bikwiriye, kuko usanga ibibanza vy’ukwubaka vyaraheze, aha bagaca casaba Leta ko yobaronsa ibibanza bakwubakamwo ibirasi bishobora kuzotuma abanyeshure bazoba baje gutangura umwaka w’indwi w’ishure nshingiro, batagira ingorane z’aho bigira.
Gilbert Becaud Njangwa asanzwe ari icegera c’ishiramwe rihurikiyemwo amashure y’abikorera utwabo UPEP, asaba Leta kwigisha uyo mugambi igihugu cose, abantu bose bakawumenya, naho ubundi avuga uyo mugambi ari mwiza cane.

Njangwa akaba yaheraheje avuga ko, iminsi yose umuhini mushasha wama utera amabavu, ari naco gituma, yaba abanyeshure, abavyeyi n’abarezi, boshigikira uyo mugambi, uzotuba urwaruka rw’Uburundi rubura akazi rugabanuka, na cane cane ko bazohora bonyene bitunganiriza imigambi, abatazoba bashoboye kubandanya mu mwaka w’icumi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.