IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Urubanza rw’abafatiwe kwa Nyakabeto rwasubiye gusasa

Urubanza rw’abafatiwe kwa Nyakabeto rwasubiye gusasa

mardi 4 Ruheshi 2013

Urubanza rw’urwaruka rwafatiwe mu Ngagara ku rugo rw’uwitwa Nyakabeto Justin, mu mwanya yariko arasohorwa n’umurwi CNTB rwasubiye gusasa imbere y’intahe muri sentare ya Mairie ya Bujumbura.

Abafashwe bose bagera kuri mirongo ibiri na bane bakaba bitavye bava mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Abashingwamanza babo, imiryango, incuti, ababanyi n’abagenzi bari bishikiye kwumviriza urwo rubanza.

Urubanza rumaze gutangura, umucamanza mukuru wa sentare yabanje kumenyesha amazina y’abagirizwa ivyaha, mu nyuma baca baha ijambo abashingwamanza babo.

Bamaze gufata ijambo, abashingwamanza bamenyesheje umwe wese uwo aburanira ariko bahejeje baca bavuga ko babisezeranye bose ko baburanira barya bafunzwe bose. Biyemereye ko bafasha kuburana uwo wese ari muri iyo dosiye.

JPEG - 128.1 ko
Ababuranira urwaruka rwafatiwe kwa Nyakabeto

Niko guca bashikiriza sentare amakenga bafise ku bijanye n’ihagarikwa ryabo bantu ritakurikije amategeko na gato, bamenyesha ko urupapuro rwanditswe rwo ku bahagarika rwasohotse batigeze bumvirizwa, ikindi kandi basaba sentare ko yobanza kwumviriza abafise ingorane kuruta abandi, aho bavuga uwusanzwe arwaye mu mutwe, umunyeshure kuri kaminuza hamwe n’uwundi arwaye indwara, bagasaba ko borekurwa imbere yo kwinjira mw’ido n’ido ry’urubanza.

Babandanije biyamiriza ihonyangwa ry’amategeko mw’ifatwa ryabo, bakamenyesha ko n’aho bwoba ari ubushikiranganji budategerezwa kurenga amategeko.
Inyuma yaho umukuru w’intahe yahaye ijambo umushikirizamanza kugira ashikirize ivyo yagiriza abo bafashwe.

Nk’uko yabishikirije, yavuze ko ivyaha bibagira ari bitatu :
Kugumuka vyateguwe n’abantu benshi

Gukomeretsa babishaka abapolisi n’abandi banyagihugu bari aho.

Gutuka, gusuzugura abategetsi na cane cane abakozi ba CNTB.

Inyuma yo kuregwa ivyaha bitatu kuri bose, bahawe ijambo kugira bashobore kwiregura ku vyaha barerwa, bose bakaba babihakanye kiretse Niyongere Thierry ari nawe bavuga ko arwaye mu mutwe yiyemereye ko yateye ibuye rimwe.

Sentare yashatse kumenya aho yakuye iryo buye, aca amenyesheje ko yaritoye mw’ibarabara atari iryo yakuye i muhira. Hagati aho, umushingwamanza wiwe yabandanya amuvugira yumvisha sentare ko asanzwe arwaye mu mutwe.

Bamaze guhakana ivyo bagirizwa, sentare yasavye umushikirizamanza kwerekana ivyemezo ku caha kimwe kimwe cose. Niko guhera ku caha yise kugumuka avuga ati : "Bagerageje kwankira umurwi CNTB gushira mu ngiro ingingo yari yafashe, bongera baraturira amapine mw’ibarabara, baragumuye isoko n’amasomero amwe amwe birugara."

Ico gukomeretsa babishatse abapolisi, yerekanye abapolisi bakomeretse.

Sentare yaciye ifata ingingo yo kwinjira mw’ido n’ido ry’urubanza, ibitashimishije abashingwamanza n’abariko bumviriza urubanza. Urubanza rukaba rukiriko rurabandanya

JPEG - 136.9 ko
Imiryango y’abafashwe yaje kwumviriza urubanza.

Prosper Ndayikeza

Messages

  • Aba bantu ni abagumutsi ahubwo ni cokimwe n’ abateroriste. Ntaho bataniye na bokoharamu, mwarabonye abantu bakubita aba polisi, aba bantu barakengereye ubutegetsi ahubwo batutse umukuru w’ igihugu, bakwiye , kubakosora. ntaho vyakabaye umuyange ntucubaha umuriro.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.