Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urubanza rw’abasirikare 39 bagirizwa ugufata ku nguvu abakenyezi i (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Urubanza rw’abasirikare 39 bagirizwa ugufata ku nguvu abakenyezi i (...)

Urubanza rw’abasirikare 39 bagirizwa ugufata ku nguvu abakenyezi i Goma

mercredi 20 Munyonyo 2013

Urubanza rw’abasirikare 39 b’abanyekongo bagirizwa ivyaha vyo gufata abagore ku nguvu, rwatanguye uyu munsi i Goma mu buseruko bwa Repubrika iharanira Demokarasi ya Congo.

Abagenduzi ba ONU baravuga ko abagore barenga gato 100 hamwe n’abakobwa barenga 30 aribo bafashwe ku nguvu n’abasoda ba Leta mu kwezi kwa Munynyo kw’umwaka uheze. Umunyamakuru wa BBC ari i Goma akavuga ko urwo rubanza rubaye kubera intumwa mpuzamakungu zimaze amezi ziri muri Congo.

Igisirikare ca Congo cahagaritse vy’agateganyo abasirikare bagera ku 23 ariko nta numwe yigeze aja imbere y’ubucamanza imbere y’uko ONU igabisha ko igiye guhagarika imfashanyo itanga ku bigo vy’abisirikare bikekwako ubwo bugizi bwa nabi.


KARIRE Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.