Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urubanza rwa Côte d’Ivoire na Congo Kinshasa rucibwa n’abagabo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Urubanza rwa Côte d’Ivoire na Congo Kinshasa rucibwa n’abagabo

Urubanza rwa Côte d’Ivoire na Congo Kinshasa rucibwa n’abagabo

mercredi 4 Ruhuhuma 2015

Inkino z’igice ca kabiri gishira ica nyuma zugururwa n’urukino rutoroshe ruhuza igihugu ca Côte d’Ivoire na Congo Kinshasa. Amahigwe menshi yo gutahukana igikombe ca CAN 2015 ahabwa umurwi wa Cote d’Ivoire ariko abakinyi ba Congo bakavuga ko bahava bakibakura mu minwe.

Muri izo nkino, igihugu ca Côte d’Ivoire ntikiratsindwa na rimwe, kimaze kunganya kabiri n’itsinzi imwe. Bagenzi ba Yaya Touré batsinze Cameroun 1 ku busa, ico gitsindo cinjijwe n’umukinyi Gradel. Uwo murwi wanganije na Mali na Guinée. Icabonetse n’uko ico gihugu cifashe neza mu gice ca kane gishira ica nyuma mu gutsinda 3 kuri 1 Algeriya kandi yahabwa amahigwe menshi yo gutwara CAN 2015. Naho biri uko, umumenyereza Hervé Renard yogaba kuko umukinyi w’icugazo co hagati wa Côte d’Ivoire, Cheick Tioté yakomerekeye mu rukino rwabahuje na Mali, uwo rero ntazosubira gukina muri izo nkino za CAN 2015 zisigaye.

JPEG - 69.9 ko
Cheik Tiote akomeretse mu rukino na Mali

Mu nkino zo gusobanura imirwi izoja muri izo nkino za CAN 2015 zigeze mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, ingwe z’umumenyereza Florent Ibenge ntizorohewe, ariko zagize amahigwe yo gutwara ikibanza ca kabiri n’amanota atatu. Mu nkino zo mw’itsinda B Congo yanganije na Zambiya (1-1), Cap Vert (0-0) na Tunisiya(1-1). Congo Kinshasa imaze gushika mu gice ca kane c’inkino yaravugutiye umuti Congo Brazzaville 4 kuri 2.

Reka turindire urubanza rucibwa ku kibuga c’i Bata muri Guinée Equatoriale ahariko habera izo nkino, akaba azoba ari isaha zitatu z’ijoro ku masaha y’i Bujumbura.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.