Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urubanza rwa mbere rw’uwagiriwe n’ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Urubanza rwa mbere rw’uwagiriwe n’ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda

Urubanza rwa mbere rw’uwagiriwe n’ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda

vendredi 21 Ruheshi 2013

Mu gihugu ca Suede, ku ncuro ya mbere mu mateka y’ico gihugu haraye haciwe urubanza rwa jenoside ku munyarwanda yagize uruhara mw’ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda mu mwaka w’1994.

Umunyesuede afise amamuko yo mu Rwanda yaciriwe gufungwa ubuzima bwiwe bwose kubera uruhara yagize mw’ihonyabwoko rwabaye mu mwaka w’1994. Sentare ya Stockholm yasanze uwitwa Mbanenande Stanistlas yaragize uruhara mu bwicanyi bwabereye ahantu hatandukanye mu karere ka Kibuye.

Iyo sentare yamuciriye urubanza yasanze yari mu bayoboye ibitero, ndetse akaba yararashe abantu akoresheje inkoho kuva kw’igenekerezo rya 6 ukwezi kwa kane kugeza ku genekerezo rya 30 ukwezi kwa gatandatu mu mwaka w’1994.

Abaye umuntu wa mbere aciriwe urubanza rw’ihonyabwoko mu gihugu ca Suede. Ikindi caha camwagiriye n’uko yahamagariye urwaruka gukora ubwicanyi.

Uwo yaraye aciriwe urubanza Mbanenande Stanislas yafahswe mu kwezi kwa 12 mu mwaka w’2011.

Sentare yategetse ko aburanira muri Suede inyuma y’aho Suede yanse kumurungika mu Rwanda, aho naho muri Suede akaba yaciriwe gupfungwa ubuzima bwiwe bwose.

Mbanenande Stanislas w’imyaka 54 yahora abari mu gisagara ca Gavle mu gihugu ca Suede n’umuryango wiwe, akaba yashitse aho mu gihugu c Suede mu mwaka w’2007 asangayo umuryango wiwe. Yaronse ubwenegihugu bwa Suede mu mwaka w’2008


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.