IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Urubanza rwa Michel Nurweze "Rwembe" rwungururijwe ku rindi (...)

Urubanza rwa Michel Nurweze "Rwembe" rwungururijwe ku rindi sango

vendredi 18 Ndamukiza 2014

Urubanza rw’uwahoze ari icegera c’umukuru w’igiporisi mu ntara ya Gitega, Michel Nurweze batazira "Rwembe" rwasubiriye kwungururizwa ku rindi sango, kubera abaporisi babiri bamwagiriza urupfu rwa Léandre Bukuru batashoboye kurenguka, ku mvo z’umutekano wabo.

Sentare isubiramwo imanza y’intara ya Gitega yashize ku rindi sango urubanza rwa Michel Nurweze "Rwembe" vyari bitegekanijwe ko ruburanishwa ku munsi w’ejo kuwa kane. Amasura abiri y’abaporisi amwagiriza ko ariwe yagandaguye umunywanyi wa MSD azwi kw’izina rya Léandre Bukuru ntiyashoboye kuhashika aho ku munsi w’ejo kuwa kane igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2014, ku mvo z’uko bagitinya kuza gusura bagiriza iyo ntwazangabo yo mu giporisi c’Uburundi, urupfu rwa Léandre Bukuru, umunywanyi w’umugambwe MSD yagandaguwe aciwe umutwe agatorwa ikiziga kiri ukwaco, umutwe wiwe nawo ugatorwa mu kazu ka surwumwe.

JPEG - 110.4 ko
Michel Nurweze batazira "Rwembe"

Abahurikiye mu mashirahamwe yubahiriza agateka ka zina muntu ariyo APRODH, BNUB, LIGUE ITEKA, na CNIDH bari bagiye gukurikirana urwo rubanza basaba ko umutekano w’ayo masura abiri y’abaporisi yagiriza Michel Nurweze "Rwembe" wokwubahirizwa kugira mu ntahe ikurikira bazoshobore kwitaba.

Urwo rubanza rw’uwo yahoze ari icegera c’umukuru w’igiporisi mu ntara ya Gitega, Michel Nurweze batazira "Rwembe" rwaciye rwungururizwa ku genekerezo rya 26 Ruheshi 2014


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.