Accueil > Amakuru > umutekano > Urubanza rwabagira bashore ubuhanga bw’abantu ntirwahebwe
Urubanza rwabagira bashore ubuhanga bw’abantu ntirwahebwe
jeudi 27 Ntwarante 2014
Igiporisi kijejwe imbibe kirabeshuza ibimaze iminsi cagirizwa ko, coba gifasha abantu bagira urudandazwa rw’abantu mu bihugu bitandukanye, co kimwe n’urudandazwa rw’ibindi bintazi.
Abantu bagera ku bihumbi 71146 akaba aribo bamaze kugarukanwa canke bagafatirwa mu mazu amwe amwe yo ngaha mu gisagara ca Bujumbura canke mu ntara zo hagati mu gihugu, bagira bajanwe kudandazwa mu bihugu vyo hanze. Amwe mu mazu rero akaba amaze kumenyekana ko akora urwo rudandazwa, amwe ndetse akaba yaranugawe, ku mvo zo gukinga ivyo bikorwa bigayitse.
Komiseri w’igiporisi Pontine Cishahayo akaba amenyesha ko ashimishwa n’igikorwa bamaze kurangura, mu ntumbero yo gutuza iyo ngeso mbi yo kudandaza abantu. Amenyesha ko bafashanije n’igiporisi mpuzamakungu, bamaze gukora ibitari bike, ndetse akaba anamenyesha ko, n’urubanza rw’ubuhanga bw’abantu bwari bwafatiwe ku kibuga c’indege ca Bujumbura, ruriko rurabandanya, kugira ukuri kuje ahabona. Ariko akaba yamirira kure, abagiriza igiporisi kijejwe uruja n’uruza ko coba gifise uruhara muri ayo madosiye y’urudandazwa rw’abantu.
Aristide Nizigire
Messages
28 Ntwarante 2014, 09:50, par KAHEZE
Igipolisi munisanzweumuti waco warananiranye , kuko naho wobacunga gute ntiboheb’igiturire ngirango bopfuma baheb’akazi kuko barimonogoje.m’amuse wa DD twari tuzi ko har’ikizohinduka!emwe inyuma ya 5moi Nino bakirya gooooose,!umuzo wa NFL tuti ashiiiiii,yooooo, bobo ntibamaze n’ukwezi. Emwe UWOTOSOR’IFUKU yohoz’akatsimujisho umenga barasaze canke bunatse mugiturire ico mwomenya IGITURIRE NTIKIGIR’UBWOKO NTIKIGIR’IMIGANWE ni MPEMUKE,NDAMUKE.
28 Ntwarante 2014, 13:15, par THIERRY BUKEYENEZA
nibakurikiranwe kuko biteyubwoba nn buhngugwamwiki?bazobibazw?