Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urubuga ngurukanabumenyi rushobora kugira inkurikizi ku bana (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urubuga ngurukanabumenyi rushobora kugira inkurikizi ku bana (...)

Urubuga ngurukanabumenyi rushobora kugira inkurikizi ku bana bato

samedi 9 Ruhuhuma 2013

Ku bana bakiri bato bashobora kubukoresha neza canke nabi.Hari abakoresha urubuga rwa internet mugukora ivyo babatumye kw’ishure n’abandi baca baja mubindi bita kenewe.

Eka mbere barashobora gukoresha ubwo buhinga bwa none biciye muma terefone naho nyene abo bana bakabukoresha ukutarikwo. Ayo makuru tukaba tuyakesha intahe za bamwe mu bavyeyi baganiriye na BBC.

Abavyeyi bamwe bahisemwo kubuza abo bana gusubira gukoresha ubwo buhinga, n’abakoresha amaterfone bakayabaka ngo kuko haguteza imbere abana babo bibasubiza inyuma mu ndero.

Amakuru BBC yakuye aho barihira ngo baje kurubuga ngurukanabumenyi (cybercafé), avuga ko abandika bakoresheje ama mashini yabo ko bababuza kuraba imbuga za ngurukanabumenyi zimwe zimwe na cane cane izerekana ibiteye isoni.

Bamwe mu bafise ayo ma cyber bavuga ko iyo babonye ari umwana, baja baragenzura ivyo ariko arakora. Abandi nabo bavuga ko bashizeho uburyo bwo kubuza abana kuraba ivyari vyo vyose bitabereye.

Mu kigo kijejwe kugenzura itumatumanko ARCT no mu gipolisi kijejwe imico n’akararanga, baremeza ibijanye no gukingira abana bakiri bato ivyobahumbisha biciye ku rubuga ngurukanabumenyi bidashemeye.

Itegeko ryo mu 1997 rigenga itumatumanako mu Burundi ntiryategekanije gukingira abakiri bato mugihe bagiye kurubuga ngurukana bumenyi batabikwiye.
Mu gipolisi kijejwe imico n’akaranga naho ngo gushika ubu bagenzura abereka abana amareresi ateye isoni ariko ntibaragenzura ibica ku rubuga ngurukanabumenyi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.