Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urucira mu kaso rugatwara nyoko - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urucira mu kaso rugatwara nyoko

Urucira mu kaso rugatwara nyoko

jeudi 27 Kigarama 2012

Iyo uvuze uyu mugani uba ushatse kuvuga ko ushobora kwipfuriza mugenzi wawe ikibi ahubwo nyuma bimwe wamwifurije akaba ari wowe bishikira na ndetse bikaba vyagushikira birenze uko wabimwifurije, nico gituma bavuga ko ico udashaka ko abandi bakugirira nawe ntukakIgirire abandi.

Ibikoko bibiri vyari bifitanye impari hagati yavyo kimwe kitwaga ikinyogote icindi citwa nyiramuhari nuko bukeye intare umwami w’ishamba irwaza umwana igerageza kurondera umuti hose irawuhebura, bukeye intare ibaza abajenama bayo, bayigira inama yo gukoranya ibikoko vyose vyo mw’ishamba ngo ibibaze umuti wovura umwana w’umwami.

Nuko inama iraterana noneho nyiramuhari ishaka kwicisha ikinyogote niko gusaba ijambo igira iti njewe n’ikinyogote twumviseko umwana w’umwami ari kumfiro maze tuja kubaza abakurambere umuti wamukiza nuko tugezeyo batubwira ko umwana w’umwami wishamba azavurwa nuko ngo bazamunwesha amaraso menshi y’ikinyogote. Ibindi bikoko biti ahubwo nimugire vuba atarapfa, noneho ikinyogote naco gisaba ijambo kiti nukuri rwose mumbabarire ko natevye kuvuga uwo muti kuko nari mfise ubwoba bw’amaraso yanje ariko vyo nivyo koko batubwiye.

Ariko nyiramuhari yibagiwe ikintu kingenzi muvyo batubwiye vyavura umwana w’umwami batubwiye ko muzafata ubwonko bwa nyiramuhari mukavangamo amaraso y’ikinyogote umwana w’umwami akabirya agahita atora mitende ibindi bikoko biti ivyo nivyo vyumvikana koko nk’umuti. Nuko bafata nyiramuhari bayica umutwe bakuramo ubwonko ikinyogote naco bagiteragura inshinge mukuguru bavonamo amaraso.

Nyiramuhari ivyayo biherera aho ikinyogote co kigenda gicumbagira ariko nubundi cari kibisanganywe kuko bari bamaze iminsi bagitereye umujugujugu mumyumbati. Izindi nyamaswa zica zibikuramo akaririmbo zikita ngo burya koko urucira mukaso rugatwara nyoko.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.