Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urugamba rukomeye hagati y’imirwi izokina urukino rwa nyuma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Urugamba rukomeye hagati y’imirwi izokina urukino rwa nyuma

Urugamba rukomeye hagati y’imirwi izokina urukino rwa nyuma

lundi 4 Myandagaro 2014

Igice ca kabiri c’inkino z’umupira w’amaguru mw’ihiganwa ry’igikombe c’umukuru w’igihugu caraheze, imirwi izotana mu mitwe mu rukino rwa nyuma yaramenyekanye.

JPEG - 88.8 ko
Abakinyi ba Lydia Ludic Burundi bari mu karuhuko bahejeje igice ca mbere

Kw’igenekerezo rya 02 Myandagaro, umurwi wa Lydia Ludic Burundi watanye mu mitwe n’umurwi wa Elephants w’i Bubanza. Urukino ntirworoshe kuko igitsindo c’umurwi Lydia Ludic cabonetse barushe. Ku munota wa 75, umukinyi Jean Claude yaciye yinjiza igitsindo cashikanye uwo murwi mu gice ca nyuma.

Lydia Ludic Burundi uzokina n’umurwi wa Messager Ngozi aho watsinze Unite FC. Ikibanza ca gatatu c’igikombe c’umukuru w’i gihugu kizorwanirwa n’imirwi yatsinzwe mu gice ca kabiri c’inkino. Iyo mirwi nayo ni Unite FC na Elephants.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.