Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urugendo rwa mbere rwa papa Fransisko rumuvanye i Roma - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Urugendo rwa mbere rwa papa Fransisko rumuvanye i Roma

Urugendo rwa mbere rwa papa Fransisko rumuvanye i Roma

mercredi 10 Mukakaro 2013

Urwo rugendo rwabaye urwa mbere Fransisko agize kuva aho abereye umu papa, rumuvanye i Roma rumujana mu Butaliyano amaja epfo, mw’izinga rya Lampedusa iri mw’ibahari ya Mediterane, hagati ya Malte na Tunisiya. Aho hakaba hari ku munsi wa mbere igenekerezo rya 8 Mukakaro 2013.

Iryo zinga rikaba rizwi cane kuko ririmwo abantu benshi binjirayo bidaciye mu mategeko baje bava mu bihugu vya Afrika kugira bashobore kurengana bagiye mu mugabane wa buraya.

Ikibabaje kuri abo bantu bashaka kwinjira mu mugabane wa buraya bidaciye mu mategeko, n’uko baca mw’ibabahari batari buronke n’abobatabara mu gihe hagize ico baba muri ako gahinga ka nyaga na nde. Hari n’igihe n’ubwato bunini bunini buca muri iryo bahari budatabara bene abo bantu, bakabarekerayo batanabaravye.

Abagize ibakwe naho bagashikayo naho, babaho mu buzima bugoye cane, aho bategerezwa kuronka ku munsi amafaranga 10 000 y’amanyaburaya kugira babeho, mu kurindira ko baronka impapuro zibemeza kugumaho. Baronse izo mpapuro naho, bakora kuva isaha 11 zo mu gicugu gushika isaha 3 z’ijoro badahagaritse kugira bashobore kuronka ico bakoza mu kanwa canke baronke n’amazi yo kunywa.

Ni kuri ubwo buzima bugoye papa Fransisko yashimikiyeko mu kwamirira kure ubwo bujuju bukorwa imbere y’uko aterera urugori rw’amashurwe mw’ibahari Mediterane, mukwibuka abo bose bamizwe n’uruzi bariko baragerageza guhunga ibihugu vyabo bagana umugabane wa buraya


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.