Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urugendo rwa Obama muri Afrika rurafise ico ruzohindura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Urugendo rwa Obama muri Afrika rurafise ico ruzohindura

Urugendo rwa Obama muri Afrika rurafise ico ruzohindura

mercredi 26 Ruheshi 2013

Umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika Barack Obama, aratangura urugendo rwiwe muri Africa kuri uyu munsi wa gatatu igenekerezo rya 26 Ruheshi, aho aza kugendera ibihugu vya Senegal, Afrika y’Epfo, na Tanzaniya.

Kuva Barack Obama atowe kuba umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe za Amerika, yaje rimwe ryonyene ku butaka bwa Afrika, ibitanezereye abanyafrika. Hari abibaza namba urwo rugendo yateguye ku butaka bwa Afrika ruzogira impinduka ku kuntu abanyafrika bakiriye imyaka Obama amaze ku butegetsi ariko atibaza kugendera Afrika. Mu kwezi kwa Mukakaro umwaka w’2009, niho Barack Obama yagendera igihugu ca Ghana, ntiyigeze agaruka na rimwe ku butaka bw’Afrika. Hari hageze ko agaruka muri Afrika namba hatari hararengeranye.

Aho aherukira gutorwa ku ncuro ya kabiri, abategetsi batari bake bo mu bihugu vya Afrika baragize ico bavuga, ndetse bamwe baranegura ingendo ziwe ku bindi bihugu, ariko akibagira Afrika. Umuhanuzi w’umukuru w’igihugu ca Afrika y’Epfo, umupfasoni Lindiwe Zulu yavuze ati :« Hamwe Obama atogendera Afrika ku ncuro yiwe ya kabiri y’uburonngozi bwa Leta zunzubumwe za Amerika, Afrika ntizigera imurekurira »
Eka ndetse na bamwe muri basomambike biwe bo muri Maison Blanche baravyemeza ko Obama atanezereje abanyafrika. Ben Rhodes yamenyesheje ko ukuba Obama atashoboye kugendera Afrika vyatumwe bamwe mu banyafrika bamuha iyindi sura, ubu rero Obama yoba yarumvise ubutumwa, kuko yafashe iyi genekerezo ya 26 gushika ku ya 3 Mukakaro, kugira agendere Afrika.

Ariko naho biri uko, umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe za Amerika Barack Obama, yarashoboye kwakirira i Washington abakuru b’ibihugu vya Afrika muri Ntwarante uyu mwaka, aho yari kumwe n’umupfasoni Joyce Banda umukuru w’igihugu ca Malawi, Ernest Bai Koroma arongoye Sierra-Leone, Macky Sall arongoye Senegal na Verdien Jose Maria Perira Neves arongoye Cap ver. Muri uyo mubonano, abakuru b’ibihugu babifashe biciye mu nguvu ntibatumiwe co kimwe n’abandi baja ku butegetsi bakabumarako imyaka n’imyaka.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.