IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abana bariko barakina nibo bakomerekejwe na Grenade yatewe ku rugo rwa (...)

Abana bariko barakina nibo bakomerekejwe na Grenade yatewe ku rugo rwa Gaston Sindimwo

vendredi 16 Rusama 2014

Urugo rwa Gaston Sindimwo umwe mu bari mu mugambwe Uprona, ibaba rya Conciriya Nibigira ruhejeje guterwa grenade.

Igihe c’isaha imwe n’iminota cumi n’ine y’ijoro ryo kuri uyu wa 16 Rusama, niho ababa mu Nyakabiga baja bumva ikintu gituritse, iyo nayo yari grenade itewe ku rugo rwa Gaston Sindimwo, umwe mu baporona bakomeye mw’ishami rya Conciriya Nibigira. Abayiteye, bakaba bahagaze mw’ibarabara bita avenue de la mort, baraheza bayitera amaja mu rugo kwa Gaston Sindimwo, ica irarenga amabati, igwa hagati mw’ibarabara, ica ikomeretsa abana barenga icumi, bariko barakina, batatu bakaba bakomeretse cane, ubu bariko baravurigwa mu bitaro bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura.

Igihe iyo grenade yaterwa, akaba ata n’umwe mubo mu muryango kwa Gaston Sindimwo yari ahari, kuko n’umukenyezi wiwe yagiye kuhashika haciye akanya ivyo bibaye. Abavyeyi bari aho, bariko biyuha iryosozi, bakaba basaba ko uyo munyacubahiro asanzwe ari icegera c’umuyobozi mw’ishikira mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yopfuma aja kuba, ahasanzwe haba abanyacubahiro nka we, kugira izo grenade ziguma ziterwa aho aba ,zigahitana abataco bazira bihagarare.

Tukabamenyesha ko, uretse abo bana bakomeretse cane, ibindi vyononekaye, ari umuduga wari uhagaze iruhande y’inzu, hamwe n’uruhome rw’inzu rwasinzikaye cane.


Aristide Nizigire

Messages

  • pole none bashaka bakwegure none aboba sanzesheke ntiboreka urumogi Hama bokwunva umugambi wamahoro?? none nkabo bana baziziki vrement ??Mutama raba ubabise utaza guhasiga agatwe!! nihatari !!!

  • none ABARUNDI tuzoheba ubugizi bwa nabi ryari? NTA NYUNGU N’UMUTAHE BIZOVA MUMARASO. NAHO HOBA HARICO MUPFA N’UMUNTU, INYISHU SI UKUMWICA.

  • EGO GERAGEZA MUTOHOZE ARIKO BARABE KO ATARI AMANZAGANYA NKAMWE YAMBERE Y UWO MUBEMBE!!!!NTA KIDASHOBOKA HANO MURI BINO BIHE,,NUKURI TURARUSHE..AHO ABANDI BA JEUNES BARAFATWA!!!!UPRONA BAYIGABIYE IBIHORI ABAGABO BARATAHA!!!!!

  • Turabasavye musubize hamwe ntanyungu yo kwicana, ariko vyose bitegwa na NDUWIMANA Edouard ,nareke abemewe nabanywanyi batware imigambwe yabo,
    - FNL= RWASA Agathon
    - UPRONA ni NDITIJE urya mukecuru CONCILIA ntamuntu numwe amuyoboka ,arapfuma yinjira muri cndd fdd areka gutobanga UPRONA, nkabo bana bakomeretse bose bakwiye kubazwa Concilie na sebuja NDUWIMANA ? ntivymvikana umukecuru nkurya ingene ashobora gutera uruhagarara muri UPRONA abagabo bijunja nijambo buzuye

  • N’areke imitwe uyo Muryogo aza yiyita umurundi aho kuja iwacu!!Twama tubona ino mumahangaiyo umuntu yiyoberanije nk’uyo mukongo bamwambura ubwenagihugu bakamurungika iwabo(Deportation),Uyo mugabo w’umuzuru bamurindirije ko atesha urwaruka rw’uburundi mumvuto hama yigaramire!!NTABWENAGIHUGU B UTAGIRA AGACIRO NABONYE KWISI NK’UMURUNDI(Even a dog from Bush is Burundian without any legal issue same day in our country)?

  • Gaston wewe urumugabo wama witera amagerenade akaguhusha harumusi itazogusiga uramenyere gusa.Noneubu naho uza kuvyegekakuri bande???Ewe imbunuza muragwira.

  • Uwo muhungu aritera ama grenade, c’est toujours des montages.
    Umunsi umwe azoyitera hanyuma imutware

  • IVYUBURUNDI NAMANANIZA

  • Ewe gaston na concilia, inda yuzura ivu, abo ba dd bo ejo bazobahinduka musangeyo abo muriko mutwara mu mpimba nimwagira IMANA ntimuje mu ruvubu.

  • uwo ntawundi wateye grenade ni MBONIMA .

  • jewe nibazako ari irementanya rya aba dd kuko ntimwibagire ko aba dd aribo bayatanguje igihe bapfunze kadege na domitien ataco bazira kandi je nibaza ko naho abaporona ba nditije bogomba gutera izo grenade bozitera basi concilie kuko niwe atey ikibazo cane. Yemwe reka twumve ubu naho ivyo bazavuga.

  • Nubwonokwihenda muzagusanga ntihenze cane. Uwonyakubahwa Gaston abamutera ama grenade ntahandi bava ataraha hakurikira: Nikuri bamwe muribarya baribateguye kuva muri reta ngokugira bereke abarundi namakungu ko muburundi vyase ivyogusangira ubutegetsi abahutu nabatutsi, kandibikaba vyarigufasha Kagame kubatavugarumwe nawe bakunze kumuratira ngo muburundi baracanze igisirikare nizindizengo, ngonatwe mu Rwanda dushaka bimere nkomu Burundi. Kagame rero vyozociye bimufasha kuzaravugako ivyogusangi igisirikare nizindi nzego zigize igihugu nabahutu nabatutsi ngo siwomuti ngokuko nomu burundi barabigize vyarase, ubworero murumvakoya EMPIRE HIMA TUTSI amakungu uburyo bwokuyishigikira bitarikuba bikiri agasheshehwa rumuri bitwajeko mu Rwanda hatwarwa nubwoko bumwe kwariho bimeze neza gusumba Burundi, ayomakungurero yatwigishije democratie arakwiye kuzaririnda cane basesankuyose ntibazohave babitiranya nivya democratie. Uwonyakwubahwa Gaston nabagenzibiwe bose canecane abomubwoko bwabatutsi baciye bankwa urunuka kuvahobankiye ko igihugu cabobakunda kikaba himbara kiriko kiragambanirwa izubaryaka amakungu abona numurwi urongowe na Nditije Karori gushika nokumurwi urongowe na Kagame. Jewe sinobabesha mubiyagabinini vya Africa twiteguye kuronka amahoro meza ahohazoba harwanijwe intwaro zitwarwa nubwoko bumwe kuko iyo igihugu gitwarwa nubwoko bumwe icogihugu bicabicorohera guhamagaza abandi bantu bomurubwoboko kuza kubigisha kugarariza ngokugira bazoshobora kwigarurira igihugu kugiratwarwe nubwobwoko gusa. ivyorero bigatuma abahasiga agatwe bababeshi nintambara zurudaca mumicungararo. Namwe nimwirebere uyumusi umututsi mu Burundi abayeho kubera arumututsi wu murundi, Umuhutu abayeho kubera arumuhutu wu murundi numutwa abayeho kubera arumutwa wu murundi, ntawugendera kwiterabwoba aterwa nubwoko runaka. Ivyorero birababaza abashaka kubamuntwaro zogucinyiza abandi. Twebwe abarundi tugiye kwihatira kugira igihugu cacu kibe igihugu amokoyose akigezemwo yishira akijana, ariko twihatire kurwiza kwamadushize ijisho kuwowese ashaka kuducanishamwo kukogucanamwo vyarivyarandushegeshe imyakamwishi wamugani wayandirimbo ya Kizito Mihigo from Rwanda.

  • niwe abikora kugira abeshere abandi ahubwo umusumwe bizomutana

  • Jewe ndabona kw’at’amatohoza akenewe caaaane.kuko bamwe ayo ma grenade atari bamwebakiragizw’ibirwanisho kuva 1994 badukinagiza ngo ntitukinjire mw’isoko nkuru ya Buja twinjiyeyo naho bakadusanza y’ayo ma grenade bahawe muraz’inganda zahatikiriye?wagira ngurirutse ntiwabarengana avenu de la Mission bakagushingamwo tourne vis ou baïonnette, none ko birwirwa basemerere barya babisubije ryari ?ko hariko hongerwawm’ibindi?umwe wese yonyishura, twebwe abatabihawe kandi tutanabikeneye no mumiryangoyacu tuzob’abande?Umukama n’Atugarukire ntitwipfuza gusubira m’ubuhungiro.

  • Aja mubanyacubahiro ba hehe?naje i Buvira uwo muryantama!sorry ahubwo ngo bafungura ibitungwa vyabo arizo mbwa!ubundi harumutegetsi nkuyo wese aba mu Nyakabiga atari nya baryogo nyene baguma begeranirijw hamw!

  • ariko harigitangaje!
    erega uyo ntakindi camuzanye!
    Igikoresho ca shetani ariko azovyishura umunsumwe!
    uti baza Giswaswa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.