Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urugomero rw’umuyagankuba rugiye kwubakwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Urugomero rw’umuyagankuba rugiye kwubakwa

Urugomero rw’umuyagankuba rugiye kwubakwa

mercredi 31 Mukakaro 2013

Urugomero rw’umuyagankuba ruzokwubakwa kuri site Ntaruka B ruzokorwa mu myaka itatu. Ivyigwa vyo kuraba ko uwo mugambi woshobora kurangurwa ruzotanga ibintu vyose bikenewe haba mu buhinga canke mu mafranga. Urwo rugomero rukazoba rungana (capacite) n’ama megawatt 5,1.

Uwo mugambi ukazokorwa n’umunyamutahe wo mu gihugu c’Urwanda, ukazotwara amamiriyoni agera kuri 18 y’amadorari y’abanyamerika.
Urwo rugomero rw’umuyagankuba rushobora kwubakwa ku Kanyaru ahitwa Ntaruka B ku birometero 30 biri ku rubibe rw’Urwanda n’Uburundi.

Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe igisata c’amasoko ntanganguvu hamwe n’ubutaka, Come Manirakiza hamwe n’uwujejwe ibidukikije, Jean Claude Nduwayo, aherekejwe n’umushikiranganji w’Urwanda ajejwe ubutaka (ressources naturelles), Kamanzi Stanislas hamwe n’umunyamabanga wa Leta y’Urwanda ajejwe ivy‘amazi hamwe n’isuku baragendeye iyo site kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 26 Mukakaro 2013.

Intumbero y’urwo rugendo kukaba kwari ukugira barabe bongere basuzume ubutunzi iyo site isanzwe yifitiye mu kugira bahubake urwo rugomero.
Nico gituma Uburundi n’Urwanda bategerezwa kuja hamwe kugira barabe ukuntu bashobora gusuzuma ko uwo mugambi uzoshoboka kugira bafate ingingo zikwiye.
Ivyo rero bikaba bijanye nivyo bari bateguye vyerekeye kuraba mu kubungabunga ubutunzi buba buri mbibe z’ivyo bihugu uko ari bibiri, na cane cane mu gihe tuzi ko hari ico bihindura hamwe n’ahandi mu gihe imigambi nk’iyo iba iriko irarangurwa.

Namba hariho intambamyi zotuma uwo mugambi utaranguka nk’uko wipfuzwa, ayo ma Leta uko ari abiri niyo ategerezwa kuraba ko vyose bikwiye kuko imbere y’uko uwo munyamitahe yemererwa ko ariwe azokora ivyo bikorwa aba yabanje kwerekana ko ibikenewe vyose n’uburyo bwose bukenewe buhari.

Ku ruhande rw’Uburundi, umushikiranganji Manirakiza yamenyesheje ko urugendo rwa mbere bagiye kuraba iyo site babonye hameze neza.
Uburundi bwari bukwiye gukurikirana neza ibikorwa vy’uwo mugambi na cane cane ko uwo mugambi woba uje gusahiriza umuyagankuba usanzwe ari muke mu gihugu c’Uburundi.
Ni umugambi ushobora gufasha Uburundi mu twigoro burimwo kugira barabe ko boshobora gukuraho ingorane yari ihari muvy’umuyagankuba.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.