Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urukino rw’intamba na Botswana rurindiranwe igishika : Abakinyi 18 (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Urukino rw’intamba na Botswana rurindiranwe igishika : Abakinyi 18 (...)

Urukino rw’intamba na Botswana rurindiranwe igishika : Abakinyi 18 batowe

dimanche 18 Rusama 2014

Hasigaye amasaha make umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu rugamba ugatana mu mitwe n’igihugu ca Botswana. Abakinyi batumweko n’aho batashoboye gushika bose, abahari barizeye intsinzi muri urwo rukino rutangura isaha icenda n’iminota mirongo itatu ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Abakinyi bose bari batumweko bifashe neza, n’imyimenyerezo baragize iyikwiye. N’aho ibihangange bibiri, Saido Ntibazonkiza atahawe uruhusha n’umurwi wiwe wa Cracovia, hamwe na Papy Faty arwaye ukuguru, bompi bakaba batazoba bari muri urwo rukino, abamenyereza umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba bamenyesha ko abakinyi bahari babizeye, kandi n’intsinzi bayibona. Urwo rukino rutangura isaha icenda n’iminota mirongo itatu ku masaha y’i Bujumbura, kwinjira akaba ari amafaranga y’amarundi ibihumbi mirongo itanu (50000 Frs Bu) mu bwugamo bw’iteka, ibihumbi mirongo ibiri (20000 Frs Bu) mu bwugamo B na C, hamwe n’ibihumbi indwi (7000 Frs Bu) mu bwugamo A na D. Ku nkikuro z’ikibuga (pourtour) ni amafaranga ibihumbi bitatu (3000 Frs Bu).

Urutonde rw’abakinyi 18 batowe n’abamenyereza batanu kugira bahave baserukira Uburundi muri urwo rukino :

BIHA Omar (Vital’O FC)

ARAKAZA Mc Arthur (Flambeau de l’Est)

HARERIMANA Rashid Leon (LLB-Academic)

NIZIGIYIMANA Karim Mackenze (Rayon Sport)

NSABIYUMVA Frederick (Jomo Cosmos)

HABARUGIRA David (Rwdm Brussels)

NAHAYO Valery (La Gantoise FC Belgique)

NDIKUMANA Yussuf Lule (LLB-academic)

NDUWARUGIRA Christope Lucio (Chibuto FC Mozambique)

KWIZERA Pierre (Afad Djekanou, Cote d’Ivoire)

NZIGAMASABO Steve (Vital’O FC)

KAVUMBAGU Didier (Azam FC Tanzanie)

TAMBWE Amissi (Simba Tanzanie)

Abdulrazzak Fiston (Sofapaka Kenya)

NDAYISENGA Fouad (Rayon Sport)

NDIKUMANA Yamin Selemani (KF Tirana Albanie)

CEDRIC Amissi (Rayon Sport)

Armel DRAGAU (FC Outre Mont)


Egide Nduwimana

Messages

  • Rwarangiye ari 0 Burundi 0 Botswana. Ntaco niko mu rukino bimeze. Naho amahirwe aca asa nayagabanutse, Intamba ni bakomeze gukenyura kuko nta wutera ingata iritararenga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.