Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urukino rw’Ubudagi na Argentine rufatwa nk’urukino rweranda rurimwo n’ubutatu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Urukino rw’Ubudagi na Argentine rufatwa nk’urukino rweranda rurimwo n’ubutatu (...)

Urukino rw’Ubudagi na Argentine rufatwa nk’urukino rweranda rurimwo n’ubutatu butagatifu

vendredi 11 Mukakaro 2014

Inkino z’ibihugu bihiganirwa igikombe c’isi umwaka w’2014 zegereje kurangira. Urukino rwa nyuma ruzoba ku munsi w’Imana. Ubutigu burageze hagati y’Ubudagi na Argentine, abandi bati ubutigu burageze hagati ya Papa w’i 16 avuka mu Budagi na Papa Francois avuka muri Argentine, n’urukino kandi hagati ya Angela Merkel na Chritina Kirchner barongoye ivyo bihugu.

JPEG - 111.6 ko
Papa Francois na Papa Benoit w’i 16

Urukino ruzohuza ibihugu vy’Ubudagi na Argentine rugereranywa n’urukino rweranda. Urukino rweranda kubera hazokina ibihugu bifise abungere bo mw’idini rya Katorika. Umwe ni Papa Benoit w’i 16 avuka mu gihugu c’Ubudagi na Papa Francois avuka muri Argentine. Urwo rukino nyene rugeranywa nk’urwa politike hagati y’abagore babiri barongoye ivyo bihugu. Abo ni Angela Merkel twogereranya n’umwamikazi wo mu Budagi na Chritina Kirchner umukuru w’igihugu ca Argentine.

JPEG - 268.5 ko
Angela Merkel na Christina Kirchner

Iyindi mvugo ngeraranyo n’uko urwo rukino rubonwamo umuryango mweranda ugizwe na Papa Francois, Chritina Kirchner na Messi, uwo afatwa nka Yesu Christu yavutse ku bushake bw’Imana kugira acungure isi. Muri urwo rukino, Messi afatwa nk’uwugiye gucungura igihugu ca Argentine mu kugifasha gutahukana igikombe c’isi mu gihugu ciwe Argentine.

Urwo rukino rwitezwe n’abantu isinzi ruvugwako vyinshi, ariko urubanza ruzocika ku munsi w’Imana igenekerezo rya 13 Mukakaro ku kibuga c’ i Maracana. Ivyo bihugu bizoba bikinye urukino rwa nyuma (Finale) rugira gatatu. Ubwa mbere hari mu mwaka w’1986 no mu mwaka w’1990. Mwomenya ko kuva ico gihe, igihugu ca Argentine kitari bwasubire gushika mu rukino rwa nyuma.

Tubibutse kandi ko urukino rwo kurondera igihugu gitwara ikibanza ca gatatu ruzohuza Bresil na Hollande, ni aho bukera kw’igenekerezo rya 12 Mukakaro.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.