Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urukino rw’Uburundi n’Urwanda ni mu masaha make : Intamba zemereye intsinzi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Urukino rw’Uburundi n’Urwanda ni mu masaha make : Intamba zemereye intsinzi (...)

Urukino rw’Uburundi n’Urwanda ni mu masaha make : Intamba zemereye intsinzi abarorerezi

mercredi 5 Ntwarante 2014

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi “Intamba mu Rugamba” warasozereye ku mugoroba wo ku munsi w’ejo imyimenyerezo wari umazemwo iminsi witegurira urukino ruwuhuza n’umurwi nserukiragihugu w’Urwanda “Amavubi” ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu. Abakinyi 23 bakina mw’ihiganwa ryo mu Burundi, hamwe n’abakina hanze y’igihugu 8 bari batumweko bose baraje kandi bahagaze neza. Ku muhingamo wo kuri wa gatatu haza guca uwambaye hagati y’Uburundi n’Urwanda.

Mu ntango imyimenyerezo igitangura, hari hatumweko abakinyi bakurikira :
Ku ruhande rw’abakina mu mahiganwa yo mu Burundi, Abanyezamu : Arakaza Mac Arthur (Flambeau de l’Est), Biha Omar (Vital’O), Rugumandiye Yvan (Athletico)
Abakinyi b’inyuma : Rugonumugabo Stefane (Lydia Ludic Academic), Hakizimana Pascal (Flambeau de l’Est), Hakizimana Issa (Lydia Ludic Academic), KIZA Fataki (Lydia Ludic Academic), Idi Jumaine IDON (Vital’O), Girukwishaka Michel (Inter Stars), RASHID Léon (Lydia Ludic Academic), Ndikumana Yussuf (Lydia Ludic Academic)

Abakinyi bo hagati : Nkurunziza D’Amour (Inter Star), Abdallah Masudi (Vital’O), Barenga Pistis (Vital’O), Duhayindavyi Gael (Lydia Ludic Academic), Ndarusanze Claude (Lydia Ludic Academic)

Abasatirizi : Abdoulazak Fiston (Lydia Ludic Academic), Moussa Hadji (Vital’O), Nahimana Chassir (Inter Star), Shaban Hussein (Flambeau de l’Est), Iddy Juma (Lydia Ludic Academic), Ndayishimiye Déo (Inter Star)

Ku ruhande rw’abakinyi batumweko bava mu mahiganwa yo hanze y’igihugu, hari hahamagawe abashika kuri cumi, ariko umunani nibo bashoboye kuza. Abo babiri batashoboye kuza ni Kaze Gilbert (Demunga), umukinyi w’inyuma wo mu murwi Simba Sports yo muri Tanzaniya, akaba arwaye ivi ry’ukuguru kw’ibibamfu. Uwundi ni Didier Kavumbagu, umusatirizi akinira Yanga Africans yo muri Tanzaniya atashoboye gushika mu myimenyerezo kubera umurwi wiwe uriko utegura urukino rwo gusubiriza n’umurwi Al Ahly wo muri Egypte, mu rwego rw’ihiganwa ry’imirwi yabaye iya mbere muri Afrika. Abakinyi umunani bava hanze y’igihugu baramaze gushika bose i Bujumbura, bakaba mbere bari mu myimenyerezo ya nyuma yo ku muhingamo wo ku munsi w’ejo kuwa kabiri. Abo nabo ni Tambwe Amissi, umusatirizi amaze iminsi avyifatamwo neza mu murwi wa Simba Sports mu gihugu ca Tanzaniya, aho mbere kugeza ubu ariwe mukinyi afise ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa ryo muri Tanzaniya, Cedrick Amissi, umusatirizi akomeye wo mu murwi wa Rayon Sport mu Rwanda, Papy Faty, umukinyi wo hagati akinira Bidvest yo muri Afrika y’epfo, Kwizera Pierrot akina hagati mu gihugu ca Cote d’Ivoire, Nzigamasabo Steve akina hagati muri Enugu Rangers yo muri Nigeria, Saido Ntibazonkiza, umusatirizi akinira Cracovia Craco yo muri Pologne, Kizigenza Nahayo Valerie, umukinyi w’inyuma akinira umurwi La Gantoise wo mu Bubirigi.

Imyimenyerezo yo ku munsi w’ejo yari ifatiye ahanini ku buhinga, ikaba yarangiye kare, nk’igihugu c’isaha cumi n’imwe n’iminota mirongo itatu. N’aho gushika ubu tutarashobora kumenya urutonde rw’abakinyi b’Intamba mu rugamba bahava batangura mu kibuga, biraboneka ko n’umumenyereza bitaza kumworohera kuko abakinyi nka bose bahagaze neza. Ibibanza bigoye kumenya abatangura, ni uruhande rw’abasatirizi n’abakinyi bo hagati bose atawuhobahoba abonekamwo. Abarorerezo bari ku kibuga c’umupira w’amaguru bamenyesheje ko barindiranye igishika urwo rukino kugira birabire abasatirizi nka Saido Ntibazonkiza, Tambwe Amissi, Cedric Amissi, Fiston Abdoullazak, hamwe n’abakinyi bo hagati nka Papy Faty, Kwizera Pierrot, Nzigamasabo Steve, bose bamaze iminsi babica bigacika mu mahiganwa bakinamwo.

Inyuma y’imyimenyerezo, Tambwe Amissi yamenyesheje ko ata kindi cabazanye atari gusubira kwereka abakunzi b’umupira w’amaguru mu Burundi urukino ruteye igomwe, kuko ivy’itsinzi wewe abifata ko ata nkeka.
Urwo rukino ruzoba ruhagarikiwe n’abasifuzi bo mu gihugu ca Kenya rurindiranwe igishika rutangura ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu, isaha icenda n’iminota mirongo itatu, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore. Kwinjira ni amafaranga y’amarundi ibihumbi bibiri ku nkikuro y’ikibuga, ibihumbi indwi mu bwugamo AD, hamwe n’ibihumbi mirongo ibiri mu bwugamo BC. Mu bwugamo bw’iteka, ni amafaranga y’amarundi ibihumbi mirongo itanu y’amarundi. Mu ntumbero yo kugabanya imisumikano n’akajagari, ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore kizoba cuguruwe kuva isaha zitandatu z’umurango, gushika isaha icenda.

Abarorerezi basabwa gushika muri ayo masaha, kuko isaha icenda ico kibuga kizoba cugawe, urukino narwo rutangure isaha icenda n’iminota mirongo itatu. Mwokwibuka ko amafaranga ava muri urwo rukino, icakabiri cayo azoca afashishwa abanyagihugu barokotse mu mpanuka y’isegenya y’imvura iheruka kurwa mu Burundi.


Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.