Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urukino rwa kivandimwe hagati ya Vital’O na Rayon Sports rushobora (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Urukino rwa kivandimwe hagati ya Vital’O na Rayon Sports rushobora (...)

Urukino rwa kivandimwe hagati ya Vital’O na Rayon Sports rushobora gusiba

jeudi 22 Myandagaro 2013

Mu gihe hari hategekanije urukino rwa kivandimwe hagati ya Rayon Sports yo mu Rwanda na Vital’O mu mpera z’iyi ndwi, amakuru ava mu Rwanda amenyesha ko urwo rukino rushobora gusiba kuko ivyo umurwi wa Vital’O wasavye Rayon Sports kugira witabe urwo rukino ari umurengera.

Umunyamabanga wa Rayon Sports, Gakwaya Olivier, aganira na IGIHE yavuze ko Vital’O yabasavye ko bobarihira ivyo bazokenera vyose, harimwo amatike, aho kuba, ndetse bakabaha n’amafaranga.

Gakwaya yagize ati : “Badusavye vyinshi tubona tutoronka : amatike n’ivyo kubatunga ndetse ngo tukabaha n’imiliyoni zibiri n’ibihumbi amajana atanu, mu gihe twebwe twari twabemereye umuliyoni umwe.”

Kugeza ubu, umurwi wa Vital’O nturishura namba uzokwakira ivyo ivyo Rayon Sports yabageneye, ariko ubuyobozi bwa Rayon Sports buracarindiriye burabe namba Vital’O ishobora kwisubirako.
Gakwaya Olivier amenyesha kandi ko mu gihe umurwi wa vital’O utokwemera kuja mu Rwanda bazoca bawusubiriza n’uwundi murwi wo mu Rwanda.

Mwomenya ko urwo rukino rwa kivandimwe ruriko rutegurwa na Rayon Sports mu ntumbero yo kwitegurira ihiganwa bari mu gutangura. N’aho iryo higanwa riri mu gutangura, umumenyereza wa Rayon Sports amenyesha ko bagifise ikibazo c’ukubura umukinyi w’umusatirizi, inyuma y’aho vyankiye ko umurundi Fiston Abdulazak agana uwo murwi.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.