Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Guinee Equatoriale na Ghana: urukino ntirwaheze kubera akajagari(Video&photo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Guinee Equatoriale na Ghana: urukino ntirwaheze kubera akajagari(Video&photo

Guinee Equatoriale na Ghana: urukino ntirwaheze kubera akajagari(Video&photo)

vendredi 6 Ruhuhuma 2015

Urukino rwaraye ruhuje igihugu ca Ghana na Guinee Equatoriale rwagiye mu nkino zizokwama zikubukwa muri kazoza. Urukino rutashoboye kurangira kubera inyifato mbi y’abarorerezi ba Guinee Equatoriale.

JPEG - 209.7 ko
Umunyezamu wa Ghana Razak Braimah ariko atora amacupa bariko bamutera

Umurwi nserukira gihugu wa Ghana (Black Stars)waraye wirahiye Guinee Equatoriale yatunganije inkino. Ku bitsindo bitatu ku busa(3-0), Ghana igiye guhiganigwa igikombe ca CAN 2015 mu rukino ruzoyihuza na Cote d’Ivoire.

Urukino rwahuje ivyo bihugu bibiri rwatanguye guhindura intumbero kuva mu ntango z’igice ca kabiri c’urukino aho abarorerezi bashigikie umurwi wa Guinee Equatoriale batangura gutera amacupa y’amazi na yandi agaragara mu kibuga, cane cane ahahereye umunyezamu wa Ghana, Razak Braimah. Ico gihe nyene abashigikiye umurwi wa Ghana bakuwe mu bwugamo maze begera impande z’ikibuga ku mv z’umutekano muke. Umuhagarikizi abonye binaniranye yarahagaritse urukino iminota 30, inyuma yaho yaravuguije ifirimbi yo gutangura kandi urukino ariko inyuma y’iminota nk’itatu yasubiye guhagarika urukino burundu.

JPEG - 224.7 ko
abajejwe umutekano bariko bagerageza gukinga impanuka

Naho abakinyi ba Ghana bari batsinze baratangajwe cane n’inyifato y’abarorerezi bari bashigikiye Guine Equatoriale. Tubibutseko ko ivyo vyabaye vyahatswe no kuba igihe Guinee Equatoriale yakina na Tunisiya aho umuhagarikizi yatanga "penalty" itariyo.

JPEG - 177.3 ko
Amacupa yatewe mu kibuga

Raba aha munsi uko urukino rwagenze


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.