Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urukundo ingwe yakunze umwana w’inkende "rwari mumpekure" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo ingwe yakunze umwana w’inkende "rwari mumpekure"

Urukundo ingwe yakunze umwana w’inkende "rwari mumpekure"

mardi 21 Nzero 2014

Mu kirundi baca umugani bati «umuvyeyi asa n’uwundi». Uwo mugani waciwe n’Abarundi ariko n’ibikoko birawukwirikiza, aho ingwe yipfuza kurera impfuvyi y’inkende.

Kw’isi harakorwa ibitangaza, ikintu canke umuntu agakizwa n’uwatibaza ko yomukiza canke akicwa n’uwutomwishe. Ibikoko rero bitandukanye n’abantu, iyo inzara ya gifashe neza n’umwana cavyaye kiramurya. Iyi ngwe yagomvye gukwirikiza umugani waciwe n’Abarundi.

Iyo ngwe yasanze ahiciwe inkende yari imaze iminsi mikeyi ivyaye, ihasanga uwo mwana asigaye ari impfuvyi. Iyo ngwe yariko irahiga irondera icorirenza, n’amarara menshi yibwira ko yubuye itarushe, isanga yubuye umwana w’inkende. Ifise inzara ariko yubuye umwana, iti :«umuvyeyi asa n’uwundi», niko gutangura gukinisha wa mwana w’inkende, ikawurinda gukoroka ku giti, haje imfyisi ikazirukana, n’uruhigi yariko yararuhevye. Aho ngira yibwira ko niyo yapfa nayo izorererwa n’abandi bavyeyi nk’intambwe canke imfyisi kuko «umwana atari uw’umwe».

Urwo rukundo ntirwagize akamaro kuko iyo ngwe ntiyagize amahirwe yo kurera uwo mwana w’inkende kuko ata "maberebere" yo kumwonsa yari ifise. Wa mwana yahavuye apfa inyuma y’umunsi umwe yamaze mu rukundo rw’igitangaza ntangere rw’ingwe.

Mwirabire uko vyagenze :


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.