IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Urunani Reseaux Femmes et Paix rwakoranije aberwa n’ikibazo c’amahoro (...)

Urunani Reseaux Femmes et Paix rwakoranije aberwa n’ikibazo c’amahoro arama

mercredi 26 Munyonyo 2014

Urunani rw’abakenyezi baharanira amahoro (Reseaux Femmes et Paix) rwateguye uruganda rwakoranije abaserukira Reta, abanyamigambwe n’abo mu mashirahamwe y’igenga mu ntumbero yo kwigira hamwe ingene hoba amahoro arama narirya ibihe vy’amatora vyegereje.

Pascasie BARAMPAMA arongoye urunani rw’abagore baharanira amahoro (Reseaux Femmes et Paix) avuga ko amahoro ategerezwa kurondererwa hamwe ata n’umwe avuyemwo kugira Uburundi ntibuhungabane muri iki gihe buriko buja mu matora. Uwo mukenyezi arasigura umugambi mushasha witwa "New Deal". Avuga ko uwo mugambi wagiyeho kugira ibihugu bihobahoba kubera intambara yabiciyeko bifashwe kugire vyogorore. Uruganda rwateguwe n’abakenyezi bo muri "Reseaux Femmes et Paix" kubera umukenyezi ariwe akorwako cane n’intambara canke ayandi mabi, uwo rero niwe ategerezwa kuba uwa mbere mu gukinga ico cose coza kumuhungabanya. Pascasie Barampa atera akamo abandi bakenyezi bose kugira urunani rwo guharanira amahoro arama.

JPEG - 37.1 ko
Pascasie BARAMPAMA arongoye ’Reseaux Femmes et Paix’

Cyprien Mbonimpa yahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu hamwe no gufashanya yatanze ikiganiro ku bijanye n’amahoro arama, avuga ko kuvuga ko igihugu gifise amahoro bidasigura ko ata ntambara y’ama "bombe". Aamhoro arama asaba ko haba ukuganira (dialogue) hagati y’abanyepolitike cane cane kuko batowe n’abanyagihugu kugira babaserukire, hategerewa kubaho intwaro ibereye(bonne gouvernance), ibibazo bigatorerwa umuti bikiri hafi. Ku bwa Cyprien Mbonimpa, amahoro atangura guhungabana iyo hari ubwoba, urwanko arivyo bivamwo intambara. Muri kino gihe Uburundi nta ntambara burimwo ariko harakenewe kuzitira ivyo vyose bishobora gutuma haba intambara mu Burundi.

JPEG - 35 ko
Cyprien MBONIMPA

Uruganda rwateguwe na "Reseaux Femmes et Paix rwatangujwe ku civugo kw’igenekerezo rya 26 Munyonyo rukazorangira kw’igenekerezo rya 27 uku kwezi nyene.

JPEG - 32.6 ko
Cyprien MBONIMPA ariko atanga ikiganiro

Cherif Nkeshimana

Messages

  • NTACO MUSHOBOYE NIMWIRIRE AMAHERA KUKO MURAZI KO MUDAHINDURA LES LEADERS KUKI UWO ARI PRESIDENTE WA RESEAU A VIE?????NI MUREKE NI MKA SPPDF NAYANDI MA COLLECCTIFS NTACO BAKORA ATARI GUTEHURA UTUZANA AMAHERA KU BAGENZI BABO NKA MBONIMPA????REKA BASHA..NIHO AYO MASHIRAHAMWE ATA KIGENDA ARYA MA ASSOCIATIONS,MEMBRE DU CAFOB,SPPD RESEAU NIBABANDI NYENE NTAGIHINDUKA...BAKUMIRA ABDNI KUKO BASHAKA KUGUMA KU BUTEGETSI...

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.