Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urutonde rw’abadashikana imyaka miringo ibiri bagiye mu murwi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Urutonde rw’abadashikana imyaka miringo ibiri bagiye mu murwi (...)

Urutonde rw’abadashikana imyaka miringo ibiri bagiye mu murwi w’abakuze

jeudi 18 Mukakaro 2013

Abakinyi bari munsi y’imyaka 20 bamaze gushirwa mu murwi w’abakuze

1.Paul Pogba w’imyaka 19,akina mu murwi wa Juventus Turin. N’umukinyi azwi cane muri uwo murwi uri mu gihugu c’ubufaransa.ku myaka 19 gusa,Paul Pogba yerekana ubuhinga butangaje.Yavuye mu murwi wa Havre aja muri Manchester United,n’imvukira yahitwa Seine-et-Marne . . Paul Pogba yarashimwe mu bambere bazokinira umurwi mu mahiganwa y’igikombe c’isi yose co mu 2014.

2.Florian Thauvin,w’imyaka 19, akinira umurwi wa Lille.uyu muhungu mu gukura arihuta. Mu kiringo ciwe ca mbere c’inkino yakinye yatangaje benshi. , Florian Thauvin yerekanye ubuhinga mu gutsinda ibitsindo 10 mu nkino 32 yakinye.

3.Samuel Umtiti, w’imyaka 19 ,akinira umurwi wa Lyon.imvukira yo mu gihugu ca Cameroun i Yaounde, Samuel Umtiti yatowe nk’umukinyi w’inyuma azofasha umurwi wa Bleues mu mahiganwa y’igikombe c’isi mu 2014.ikibanza asanzwe akinamwo mu murwi wa Lyon aho yashitseyo mu mwaka uheze.

4.Lucas Digne,w’imyaka 19 ,kina mu murwi wa Lille.umurwi wa PSG baradugije amahera kuri uyu wa mbere gushika ku miriyoni 10 z’amafaranga ya buraya.

Lucas Digne yamenyesheje ko azokwigumira mu murwi wa Lille,umurwi amazemwo imyaka 7 kuva agifise imyaka 12,inyuma yo gutorwa n’umumenyereza Didier Deschamps mu nkino zo muri Ntwarante zabahuza n’ibihugu vya Georgie na Espange,ntararonka amahirwe yo kwinjira mu murwi waba Bleues.

5. Kurt Zouma, w’imyaka 18 ,akinira umurwi wa Saint-Etienne.

6.Alphonse Aureola,w’imyaka 20 akinira umurwi wa Paris Saint-Germain. Umusamyi wa gatatu w’umurwi Paris Saint Germains.

7.Jean-Christophe Bahebeck,w’imyaka 20 nawe kandi akinira umurwi Paris Saint-Germain.umuyabaga w’umusatirizi.

8.Yaya Sanogo,w’imyaka 20 akina mu murwi wa Arsenal.Umukinyi wa mbere afise ibitsindo vyinshi muri ayo mahiganwa .ibitsindo

9.Geoffrey Kondogbia,w’imyaka 20,akina mu murwi FC Séville.inyuma y’imyaka 7 yaramaze mu murwi wa RC Lens, Geoffrey Kondogbia yahisemwo gukinira umurwi FC Séville,mu mwaka uheze,kugira abandanye inyigisho ziwe atera intambwe.

10.Jordan Veretout,w’imyaka 20 akinira umurwi wa Nantes.abakurikira inkino za Ligue ya kabiri baramuzi neza. Yashoboye gukinamwo inkino 67.

11. Dimitri Foulquier,w’imyaka 20 akinira umurwi Rennes


Ndayikeza Prosper

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.