Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Afrika 2013 : Urutonde rw’abakinyi 10 ba mbere - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Afrika 2013 : Urutonde rw’abakinyi 10 ba mbere

Afrika 2013 : Urutonde rw’abakinyi 10 ba mbere

mardi 7 Nzero 2014

Umwaka w’2013 waranzwe n’iterambere ry’ubuhinga mu rukino ry’umupira w’amaguru. Ivyo vyatumwe ahanini n’abakinyi baturuka muri Afrika bakina mu mirwi y’iburaya. Ku matohoza ikinyamakuru Jeune Afrique cakoze biciye mu matora, ibihangange vy’abakinyi 10 bo muri Afrika bakina neza kuruta abandi baramenyekanye.

Abo bakinyi bakwirikirana uku gukurikira :

1. Yaya Touré (Côte d’Ivoire/Manchester City)

Nk’uko tumaze iminsi tubibashikiriza, Yaya Toure ni umukinyi ageze ku ntambwe ishimishije. Akina mu murwi wa Manchester City, uwo rero aherutse gutorwa nk’umukinyi wa Afrika w’umwaka w’2013, vyongeye ari muri batatu bahiganirwa umupira w’inzahabu wo muri Afrika. Uwo ntakina neza gusa aho ari muri Manchester, kuko yaranafashije cane igihugu ciwe kuronka itike izobatwara mu gikombe c’isi kizobera muri Brésil. Touré afise imyaka 30, ari mu bakinyi ba mbere kw’isi bahembwa amahera menshi, agapfungo k’imiliyoni 13,1 y’amahera akoreshwa i Buraya, hafi imiriyaridi 23 z’amafaranga y’amarundi ku kwezi.

2. Vincent Enyeama (Nigeria/Lille)

Iyo hariko hakorwa intonde nk’izo bakunze kwibagira abanyezamu «Goalkeeper», ariko uno mwaka, Vincent Enyeama asamira umurwi wa Lille yashizwe kuri urwo rutonde. Uwo yarafashije cane igihugu ciwe ca Nigeriya mu mahiganwa ya CAN. Ni umukinyi akomeye cane kandi yemewe muri Lille, mu gihugu c’Ubufaransa. Mu mwaka w’2013 twaraye turangije, yaranagiye ku rutonde rw’abakinyi ba mbere mu gihugu c’Ubufaransa.

3. Pierre-Emerick Aubameyang (Gabon/Borussia Diortmund)

Uwo nawe ariko avyifatamwo neza mu murwi wa Borussia Dortmund, kuko uwo murwi uriko utera imbere cane mu gihugu c’Ubwongereza. Mu mahiganwa ya bundesliga yinjije ibitsindo 9, na kimwe co muri Ligue des Champions. Kuva avuye mu murwi wa Saint Etienne, yagomwe n’imirwi myinshi aca ahitamwo Borussia Dortmund.

4. Jonathan Pitroipa (Burkina Faso/Rennes)

Mu nkino za CAN mu mwaka w’2013, Jonathan yakoze ibikora inka mu rukino rwahuje igihugu ca Burkina Faso. Mu murwi wa Rennes asanzwe akinamwo, yinjije igitsindo kimwe gusa mu mwaka uheze. Uwo musore w’imyaka 27, afatwa nk’umukinyi w’intasubirizwa mu murwi wa Rennes.

5. John Obi Mikel (Nigeria/Chelsea)

Co kimwe n’abandi bakinyi twagiye turavuga, John Obi Mikel yarafashije cane Nigeriya mu kwezi kwa Ndamukiza 2013. Obi Mikel w’imyaka 26 akina mu kibuga hagati mu murwi wa Chelsea, ni umwana w’inkundwakare w’umumenyereza Jose Mourinho. Mu kwezi kwa Ruheshi azokwitaba ubwa mbere inkino z’isi mu gihe mu mwaka w’2010 yari yasivye kubera gukomereka.

6. Emmanuel Emenike (Nigeria/Fenerbahce Istanbul)

Ku bitsindo 4, yahawe ikanga ry’umukinyi wa mbere yinjije ibitsindo vyinshi mu nkino za CAN 2013. Yatsinze kandi ibitsindo bitatu mu kurondera itike izobajana mu nkino z’igikombe c’isi yose. Inyuma y’inkino za CAN yaciye ashirwa ku ruhande, kuko yifatiye mu gahanga umumenyereza Stephen Keshi n’abarongoye umupira w’amaguru muri Nigeriya. Mu kwezi kwa Myandagaro, yaciye aja mu murwi wa Fenerbahce avuye mu murwi wa Spartak Moscou.

7. Mohamed Aboutrika (Égypte/Al-Ahly Le Caire)

Azwi cane ku ntsinzi ya gatanu yaronse mu mahiganwa ya Ligue des Champions. Aboutrika w’imyaka 35, ntiyaronse amahirwe yo kuzoja muri Brésil kuko umurwi wa Ghana utaborohereje mu ku batsinda (1-6, 2-1).

8. Salomon Kalou (Côte d’Ivoire/Lille)

Tuvyiheje dusanga Kalou ata kintu kinini yaronse mu mwaka w’2013, ariko ibitsindo 2 yinjije bariko bakina na Sénégal vyaramusubije umutamana. Kalou w’imyaka 28, ntakara gusa ari mu murwi wiwe, no mu murwi wa Lille yinjiyemwo avuye muri Chelsea aravyifatamwo neza, kuko mu mahiganwa ya Ligue 1 yinjije wenyene ibitsindo 18, na kimwe co mu mahiganwa y’igikombe co mu gihugu c’Ubufaransa.

9. Asamoah Gyan (Ghana/Al-Aïn FC)

Asamoah w’imyaka 28, yagiye kuri urwo rutonde kubera ibitsindo 6 mu mahiganwa yo kuzokwitaba inkino z’isi. Igihugu ciwe ca Ghana kimuzeyeko vyinshi mu gihugu ca Brésil, narirya kiri mu bimwenyi (Portugal, États-Unis, Allemagne).

10. Mohamed Salah (Égypte/FC Bâle)

Umurwi wa FC Bâle wamuguze imiriyoni 2,5 z’amafaranga y’amanyaburaya (Euros) mu mwaka w’2012. Mu mwaka umwe n’igice ayo mahera yiyongerye incuro 6.
Mohamed Salah w’imyaka 21 yabaye umukinyi wa mbere mu mwaka w’2013 mu gihugu ca Suisse kubera ibitsindo yinjije mu nkino za Ligue des Champions no mu murwi nserukiragihugu wiwe "Les Pharaons."


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.