Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urutonde rw’abakinyi 10 bakomoka muri Afrika baherutse guhindura imirwi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Urutonde rw’abakinyi 10 bakomoka muri Afrika baherutse guhindura imirwi (...)

Urutonde rw’abakinyi 10 bakomoka muri Afrika baherutse guhindura imirwi bakinira

mercredi 4 Nyakanga 2013

Abakinyi icumi b’abanyafrika, baherutse guhindura imirwi bahora bakinira mu bihugu vya Buraya, baja muyindi. Abo nabo ni:

1.Samuel Eto’o ava muri Cameroun

Yavuye mu murwi wa Anzhi Makhachkala mu Burusiya aja muri Chelsea wo mu Bwongereza. Eto’o rero asanze umumenyereza Mourinho, uwahoze amumenyereza mu gihugu c’ubutariyano. Mu Bwongereza, ntazoronka umushahara nkuwo yahora aronka mu Burusiya kuko ahembwa imiriyoni 6 z’amafaranga y’abanyaburaya gushirako izindi zibiri z’agashirukabute.

2.Dieumerci Mbokani ava muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo

Yavuye mu murwi wa Anderlecht mu Bubirigi aja mu murwi wa Dynamo Kiev mu gihugu ca Ukraine. Mbokani yahoze ari umusatirizi mu murwi wa TP Mazembe, yahisemwo Ukraine mu gihe imirwi imwe imwe yo mu Bwongereza yamwifuza.Uwo mukinyi yamenyekanye nk’umukinyi yatsinze ibitsindo vyinshi muri Championnat yo mu bubirigi 2012-2013, mu murwi Anderlecht aho washoboye kuronswa amafaranga agera ku miriyoni zitanu z’agashumbusho kubera mukinyi Mbokani awuvuyemwo.

3.Marouane Chamakh akomoka mu gihugu ca Maroc

Yavuye mu murwi wa Arsenal mu Bwongereza aja gukinira umurwi wa Crystal Palace aho nyene mu Bwongereza. Marouane Chamakh yari yashitse muri Arsenal mu kwezi kwa Ruheshi 2010 avuye mu murwi wa Bordeaaux, n’umurwi wa West Ham, aho bari bamutiye muri Nzero ikiringo c’amezi atandatu, Chamakh, yaratakaje ikibanza rero muri Arsenal mu mahitamwo yabaye ariko kubera uwo mukinyi asanzwe yemewe aho mu Bwongereza, niho azobandaniriza umupira wiwe.Yasezeranye n’umurwi Crystal Palace, umurwi usanzwe utarashika ku ntambwe yak ure nka Arsenal.

4.Saphir Taïder akomoka mu gihug ca Algérie

Avuye mu murwi wa Bologne mu butariyano aja mu murwi wa Inter Milan. Hari hashize ikiringo c’imyaka ibiri irenga gato akinira uwo murwi, ariko uyu munsi akaba ari mu murwi wa AC Milan. Uyu murwi rero wamushimye inyuma yo kuvyifatamwo neza mu biringo bibiri yakiniye umurwi yahoramwo. Afise imyaka 21, akaba yasezeranye na AC Milan ikiringo c’imyaka ine, akaba ari umukinyi w’umunya Algerie agira kabiri amenyekanye cane inyuma ya Ishak Belfodil yaguzwe n’umurwi wa Parme.

5.Pierre-Emerick Aubameyang akomoka muri Gabon

Yahora akinira umurwi wa Saint-Etienne mu Bufaransa, akaba agiye gukinira umurwi wa Borussia Dortmund mu gihugu c’Ubudagi. Emerick, umusatirizi yari kuronka amafaranga menshi iyo asezerana mu gihugu c’uburusiya. Ariko we yahisemwo kuja mu Budagi ho ashobora gutera imbere kuruta mu gukina aca asezerana na Dortmund ikiringo c’imyaka 5.Mu nkino z’ikiringo kirangiye yanjije ibitsindo 19 mu murwi Saint Etienne.

6.Wilfried Bony akomoka mu gihugu ca Côte d’Ivoire

Yavuye mu murwi wa Vitesse Arnhem mu gihugu ca Pays-Bas aja mu murwi wa Swansea City wo mu Bwongereza. Mu kiringo giheze, Bony yashoboye gutsinda ibitsindo 31 mu nkino 30 mu murwi Arnhem. Ntawuzirero ko Bony azokorera uwo murwi mushasha Swansea City agiyemwo nk’ivyo yakoreye Arnhem. Swansea rero isanzwe ikina mu cicaro ca mbere aho mu Bwongereza, basezeranye nawe ku mafaranga imiriyoni 13 n’ibihumbi amajana icenda mu mafaranga y’abanyaburaya (13,9millions) bakaba biteze rero ko akorera ico kiguzi. Gushika ubu Bony niwe mukinyi wa mbere aguzwe amafaranga menshi n’uwo murwi wa swansea mu mateka yawo.

7.Nabil Ghilas akomoka mu gihugu ca Algerie

Yahora mu murwi wa Moreirense mu gihugu ca Portugal aja mu murwi wa FC Porto aho nyene muri Portugal. N’umukinyi w’imyaka 23 y’amavuko, akaba asanzwe atazwi cane. Mu myaka itatu yaramaze akinira uwo murwi usanzwe uri mu cicaro ca kabiri, waramutiza umurwi wa Vizela usanzwe uri mu cicaro ca gatatu aho nyene mri Portugal. Umurwi wa Porto wamushimye inyuma yo gutsinda ibitsindo 17. Nabil Ghilas yasezeranye n’umurwi wa Porto ikiringo c’imyaka itatu, hanyuma Moreirense uronswa imiriyoni ziri hagati ya 5ni 7 z’amafaranga y ‘abanyaburaya.

8.Kolo Touré akomoka muri Côte d’Ivoire

Yahora mu murwi wa Manchester City wo mu Bwongereza akaba agiye gukinira umurwi wa Liverpool aho nyene mu Bwongereza. Mu murwi Manchester City, yasuzumwe yongera arashimwa 2011, no muri Champion yo mu Bwongereza y’2012, aba umukuru w’abakinyi ahembwa neza ariko mu nyuma aza kuja ku rutonde rw’abasubirizi. Amasezerano na Manchester arangiye yasezeranye n’umurwi wa Liverpool.

9.Gervinho ava mu gihugu ca Côte d’Ivoire

Avuye muri Arsenal yo mu Bwongereza aja mu murwi AS Roma mu Butariyano. Mu kiringo c’imyaka ibiri yaramaze muri Arsenal ntabwo yashoboye kuvyifatamwo neza, mu nyuma niho yava mu Bwongereza amaze kubona ko umumenyereza Arsene Wenger atakimwizera. AS Roma, yatanze imiriyoni 8 mu mafaranga y’abanyaburaya.
Gervinho yagiye abinezererewe kuko yarasanze Rudi Garcia, umufaransa barikumwe muri Mans hamwe na Lille.

10.Ryad Boudebouz akomoka mu gihugu ca Algérie

Yahora mu murwi wa Sochaux mu Bufaransa agiye gukinira umurwi wa Bastia aho nyene mu bufaransa. Ryad Boudebouz, inyuma yo kwanka kuja mu murwi wa Al-Jaish i Qatar, yahisemwo kuguma aho mu bufaransa kuko yasezeranye ikiringo c’imyaka itatu muri Corse. Mu vyukuri avuye mu murwi wa Sochaux akaja mu murwi wa Bastia nta terambere rishemeye yagize.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.