Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urutonde rw’abakinyi 25 bo muri Afrika bazohiganirwa umupira w’inzahabu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Urutonde rw’abakinyi 25 bo muri Afrika bazohiganirwa umupira w’inzahabu

Urutonde rw’abakinyi 25 bo muri Afrika bazohiganirwa umupira w’inzahabu

samedi 16 Munyonyo 2013

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryo muri Afrika (CAF) ryarasohoye kuri uwu wa gatanu uheze, urutonde rw’abakinyi bo muri Afrika 25 bazohiganirwa ikibanza c’umukinyi wa mbere wo muri Afrika uno mwaka w’2013, azohabwa umupira w’inzahabu « Ballon d’or», uzotangwa kw’igenekerezo rya 9 Nzero 2014 i Lagos mu gihugu ca Nigeriya.

Igitangaza cabayemwo, umukinyi w’igihangange w’Umunya Cameroun Samuel Eto‘o ntari kuri urwo rutonde rw’abakinyi 25. Eto’o yaramaze gutahukana uwo mupira w’inzahabu incuro zine (2003, 2004, 2005 na 2010). Uwo musatirizi wo mu murwi wa Chelsea ariko asubira inyuma haba mu murwi akinamwo, eka no mu murwi nserukira gihugu wa Cameroun.

Biri uko mu gihe Yaya Touré, umunya Cote d’ivoire akina mu murwi wa Manchester City, amaze gutsindira ico kibanza kabiri ari mu batowe uno mwaka, kandi afise amahirwe. Mohamed Aboutreika aturuka mu gihugu ca Egypte na Sunday Mba aturuka mu gihugu ca Nigeriya bari kuri rwa rutonde rwa (CAF). Abo bari no ku rutonde rw’abo bakinyi bakinira ku butaka bwa Afrika batowe.

Ku rutonde rw’abakinyi 25 bo muri Afrika bazohiganirwa umupira w’inzahabu mu mwaka w’2013, hatangura izina ry’umukinyi, igihugu aturukamwo, n’umurwi akinamwo

Ahmed Musa (Nigeria/CSKA Moscou), Asamoah Gyan (Ghana/Al Aïn), Dame Ndoye (Sénégal/Locomotiv Moscou), Didier Drogba (Côte d’Ivoire/Galatasaray),

Emmanuel Emenike (Nigeria/Fenerbahçe), Islam Slimani (Algérie/Sporting Lisbonne), John Obi Mikel (Nigeria/Chelsea), Jonathan Pitroipa (Burkina Faso/Rennes), Kévin Constant (Guinée/ AC Milan), Kwadwo Asamoah (Ghana/Juventus Turin), Luís Carlos Almada Soares « Platini » (Cap-Vert/AC Omonia), Mehdi Benatia (Maroc/AS Rome), Mohamed Aboutrika (Egypte/Al Ahly), Mohamed Salah (Egypte/FC Bâle), Nicolas Nkoulou (Cameroun/Marseille), Pierre-Emerick Aubameyang (Gabon/Borussia Dortmund), Ryan Mendes (Cap-Vert/Lille), Saladin Said (Ethiopie/Lierse), Seydou Keita (Mali/Dalian Aerbin), Sofiane Feghouli (Algérie/Valence CF), Sunday Mba (Nigeria/Enugu Rangers), Victor Wanyama (Kenya/Southampton), Vincent Enyeama (Nigeria/Lille), Gervais Yao Kouassi « Gervinho » (Côte d’Ivoire/AS Rome), Yaya Touré (Côte d’Ivoire/Manchester City).


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.