Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urutonde rw’abakinyi b’abanyafrika n’imirwi mishasha bagiye gukinira - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Urutonde rw’abakinyi b’abanyafrika n’imirwi mishasha bagiye gukinira

Urutonde rw’abakinyi b’abanyafrika n’imirwi mishasha bagiye gukinira

mercredi 10 Mukakaro 2013

Algerie
• Aoudia Mohamd Amine, umusatirizi w’imyaka 26 akinira umurwi, ES Sétif mu

gihugu ca Algérie azoja mu murwi wa Dynamo Dresde wo mu Budagi.
• Belkaleme Essaïd, umukinyi w’inyuma w’imyaka 24, wo mu murwi JS Kabylie ni muri Algérie azoja mu murwi Udinese wo mu Butariyano.

• Brahim Yacine, akina hagatiw’ imyaka 23, akinira umurwi wa Rennes (France) azoja gukinira umurwi Grenade wo muri Espagne.

Nabil

• Ghilas Nabil, umusatirizi w’imyaka 23, yahora akinira umurwi wa Moreirense wo mu gihugu ca Portugal azokinira FC Porto aho nyene muri Portugal.

• Maturak Karim, umukinyi wo hagati, w’imyaka 28 , yarasanzwe arangije amasezerano n’umurwi Eintracht Francfort (Allemagne) aheruka gusezerana n’umurwi Kaiserslautern wo mu Budagi.

Soudani

• Soudani Hilal, umusatirizi w’imyaka 25, akinira umurwi wa Vitoria Guimaraes uri
mu gihugu ca Portugal agiye gukinira umurwi Dinamo Zagreb wo muri Croatie.

Cameroun
• Aboubakar Vincent, umusatirizi w’imyaka 21, yavuye mu murwi Valenciennes wo mu Bufaransa aja gukinira Lorient umurwi waho nyene mu Bufaransa.

Chedjou

• Chedjou Aurélien, umukinyi w’inyuma w’imyaka 27, yavuye mu murwi wa Lille uri mu gihugu c’ubufaransa aja gukinira umurwi wa Galatasaray wo mu gihugu ca Turquie

• Zoua Jacques, umusatirizi w’imyaka 21, yahora akinira umurwi FC Bâle wo muri Suisse, azokinira umurwi Hambourg uri mu Budagi.
Centrafrique

• Enza-Yamissi Eloge, umukinyi wo hagati w’imyaka 30, yakinira umurwi Troyes mu Bufaransa agiye gukinira umurwi Valenciennes wahonyene mu Bufaransa.
Congo

• Samba Christopher, umukinyi w’inyuma w’imyaka 29, yahora mu murwi Queens Park Rangers mu Bwongereza agiye mu murwi Anji Makhatchkala wo mu Burusiya.
Cote d’ivoire

• Kolo Toure Habib, umukinyi w’inyuma w’imyaka 32, wo mu murwi Manchester City mu gihugu c’Ubwongereza agiye gukinira umurwi Liverpool ahonyene mu Bwongereza.

Kone

• Kone Arouna, umusatirizi w’imyaka 21 ,wo mu murwi Wigan mu gihugu c’Ubwongereza azoja mu murwi Everton aho nyene mu Bwongereza.

• Tiene Siaka, umukinyi w’inyuma afise imyaka 31 , yahora muri Paris SG wo mu Bufaransa agiye gukinira umurwi wa Montpellier aho nyene mu Bufaransa.

Egiputa

elmohamony

• Elmohamady Ahmed, umukinyi w’inyuma w’imyaka 25, yarungitswe mu murwi Hull City wo mu Bwongereza.

Gabon
• Aubaneyang Pierre-Emerick, umusatirizi w’imyaka 24, yahora akinira umurwi Saint-Etienne wo mu Bufaransa agiye gukinira umurwi wa Borussia Dortmund wo mu Budagi.

Mali
• Diallo Mamadou, umusatirizi w’imyaka 31 , yahora akinira umurwi wa Sedan mu gihugu c’Ubufaransa agiye gukinira umurwi wa Laval aho nyene mu Bufaransa.

Diakite

• Diakite Drissa, umukinyi w’inyuma afise imyaka 28 ,akaba yahora akinira umurwi Olympiakos w’ubugiriki yagiye gukinira umurwi wa SC Bastia mu gihugu c’ubufaransa.

• Keita Ismaël, umukinyi wo hagati afise imyaka 22 ,yakinira umurwi wa Nantes mu Bufaransa agiye gukinira umurwi wa Angers aho nyene mu Bufaransa.

• Sow Samba, umukinyi wo hagati w’imyaka 24, yahora mu murwi RC Lensmu gihugu c’Ubufaransa, agiye gukinira umurwi Karabukspor mu gihugu ca Turquie.

Maroc
• Barrada Abdelaziz, akina hagati w’imyaka 24,yakinara umurwi wa Getafe mu gihugu ca Espagne agiye mu murwi Al Jazira.

• Belhanda Younès, akina hagati,afise imyaka 23 , yakinira umurwi wa Montpellier wo mu Bufaransa agiye gukinira umurwi wa Dynamo Kiev mu gihugu ca Ukraine.

Benatia

• Benatia Mehdi, umukinyi w’inyuma w’imyaka 26 ,akinira umurwi wa Udinese mu gihugu c’ubutariyano agiye gukinira umurwi wa AS Rome aho nyene mu Butariyano. Bergdich Zakarya, w’imyaka 24 , wo mu murwi RC Lens wo mu Bufaransa agiye gukinira umurwi wa Real Valladolid wo mu Gihgu ca Espange.

• Eladoua Issam, umukinyi w’inyuma w’imyaka 26 yakinira umurwi wa Guimaraes mu gihugu ca Portugal azokinira umurwi wa Levante uri mu gihugu ca Espagne.

Nigeria
• Taiwo Taye, umukinyi wo hagati afise imyaka 28 , yakinira umurwi wa Mlian AC mu Butariyano agiye mu murwi wa Bursaspor mu gihugu ca Turquie.
• Ujahah Anthony, umusatirizi w’imyaka 22 , yahora akinira umurwi wa FC Mayence mu gihugu c’Ubudagi agiye mu murwi FC Cologne aho nyene mu Budagi.

RD Congo
• Anganyi Yves, umusatirizi w’imyaka 22 , yahora mu murwi FC Système mu gihugu ca Repubilika iharanira intwaro rusangi ya Congo,agiye gukinira umurwi wa FC Metz mu gihugu c’ubufaransa.

makiadi C

• Makiadi Cédric, akina hagati akaba afise imyaka 29 , avuye mu murwi wa Fribourg wo mu Budagi agiye mu murwi wa Werder Brême w’aho nyene mu Budagi.
• Mbokadi Dieumerci, umusatirizi w’imyaka 27 ans, yavuye mu murwi wa Anderlecht wo mu Bubirigi aja gukinira umurwi wa Dynamo Kiev wo mu gihugu ca Ukraine.

Togo

Wome

• Wome Dové, akina hagati w’imyaka 22 , wo mu murwi wa Free State Stars uri mu gihugu ca Afrika y’Epfo akaba agiye gukinira umurwi wa Mamelodi Sundowns aho nyene muri Afrika y’Epfo.

Tunisie
• Bouazzi Wajdi, umukinyi w’imyaka 27, yahora mu murwi wa Espérance Tunis wo mu gihugu ca tuniziya agiye gukinira FC Lausanne wo mu gihugu ca Suisse.
• Mbarki Iheb, umukinyi w’inyuma w’imyaka 21 mu murwi wa Evian TG mu Bufaransa agiye gukinira umurwi wa Espérance Tunis wo mu gihugu ca Tunisiya.

Zimbabwe
• Musona Knowledge, umusatirizi w’imyaka 23 , yahora mu murwi wa Hoffenheim mu gihugu c’Ubudagi agiye gukinira umurwi wa Kaizer Chiefs wo mu gihugu ca Afrika y’Epfo.
• Zvasiya Lincoln, umukinyi w’inyuma w’imyaka 22, yahora mu murwi wa Kaizer Chiefs ni mu gihugu ca Afrika y’epfo agiye gukinira umurwi wa OFI Crète mu Bugiriki.

Zvasiya L

Prosper Ndayikeza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.