Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urutonde rw’abantu 10 binjije amafaranga menshi ruhejeje gusohoka - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urutonde rw’abantu 10 binjije amafaranga menshi ruhejeje gusohoka

Urutonde rw’abantu 10 binjije amafaranga menshi ruhejeje gusohoka

mardi 27 Myandagaro 2013

Nk’uko cama kibigira mu gutanga intonde z’ibintu vyiza vyiza biruta ibindi kw’isi, ubu naho ikinyamakuru Forbes gihejeje gushira ahabona urutonde rw’abantu 10 baronse amafaranga menshi kw’isi, bakoreye, bayakoreye canke yinjijwe n’imigambi yabo, kuva mu kwezi kwa Ruheshi umwaka w’2012 gushika mu kwezi kwa Ruheshi umwaka w’2013. Kuri urwo rutonde, uwuza ubwa mbere n’umuririmvyikazi Madona.

Madona

Nk’uko ico kinyamakuru kibivuga, uyo mupfasoni w’umuririmvyi yashoboye kwinjiza amafaranga atari make bivuye ku biteramo bitandukanye yagize, ariko kandi bivanye n’amafaranga yaronse kubera imigambi yiwe. Madona arafise inyubakwa zimwe binonoreramwo imitsi, izihingura amazi, amavuta amwe bipompa, agaheza akamoga neza co kimwe n’ubudandaji bw’impuzu. Ivyo vyose bikaba vyamwinjirije amafaranga angana imiriyoni 125 z’amadolari y’Amerika, ni ukuvuga amanyaburaya angana imiriyoni 95.

Steven Spielberg

Mu kibanza ca kabiri haza Steven Spielberg, umuhinyanyuzi. Uyo nawe yashoboye kwinjiza amadolari y’Amerika angana imiriyoni ijana. Hakurikira Simon Cowell ava mu Bwongereza ku miriyoni za Amerika 95. Abakurikira nabo ni :

simon-cowell
El-James
Howard Stern
James-Patterson
Glenn_Beck
Michael-Bay
Jerry Bruckheimer
Lady Gaga

4 E.L James, 5.Howard Stern, 6.James Patterson, 7Glenn Beck, 8 Michael Bay, 9 Jerry Brunckheimer, 10 Lady Gaga.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.