Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urutonde rw’abantu cumi bakiri bato batunze amafaranga aharurwa muma (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urutonde rw’abantu cumi bakiri bato batunze amafaranga aharurwa muma (...)

Urutonde rw’abantu cumi bakiri bato batunze amafaranga aharurwa muma miriyaridi

lundi 2 Nyakanga 2013

Muri uyu mwaka w’2013, haharuwe abantu bagera ku 1426 batunze amafaranga aharurwa mu mamiriyaridi kw’isi yose. Muri bo, harimwo abangana ku 29 badashikana imyaka 40. Igitigiri c’amafaranga bafise abo batarashikana imyaka 40 kigera ku miriyaridi 90. 10 muri bo basanzwe bakorera mu bijanye n’ubuhinga bugezweho, harimwo bane bakorera muri Facebook.

Muri abo, 11 baba muri Leta zunze ubumwe za Amerika. Batanu muribo binjiye mu rwego rw’abo batunzi uyu mwaka.

Ng’urwo urutonde rw’abatunze amamiriyaridi bakiri bato kurusha abandi.


1. Larry Page

Imyaka 39, imiriyaridi 17.4 mu mafaranga y’abanyaburaya.(euros)
Ari mu batanguje Google akaba n’umukuru w’urwo ruganda kuva muri Ndamukiza umwaka w’ 2011 aho yashoboye gukorera bikwiye urwo ruganda mu mwaka w’ 2012.
ku burongozi bwiwe, Google yarinjije amafaranga angana n’imiriyaridi 38 mu mafaranga y’abanyaburuya, ibikorwa vy’urwo ruganda vyiyongereye ibice 30% mu mwaka umwe, ivyo bigatuma ashobora kwinjiza imiriyaridi 3 mu mafaranga y’abanyaburaya kuri konte yiwe.

2. Sergey Brin

Imyaka 39 imiriyaridi 17.2 mu mafaranga y’abanyaburaya. (euros). Nawe nyene ari mu batanguje Google, muri iki gihe akaba ariwe arongoye ibiro bijejwe ibikorwa muri uru ruganda. Sergey Brin afise umugambi wo gushikana google ku buhinga bushasha bugezweho. Muri bwo hari nko gukora umuduga udasaba umushoferi n’amarori akoresha Google.

3. Mark Zuckerberg

Imyaka 28, imiriyaridi 10 mu mafaranga y’abanyaburaya. (euros). Mark Zuckerberg asanzwe avurwa cane mu binyamakuru bitandukanye. Akaba no mu rwego rw’abarongoye Facebook. Ameneysha ko inyuma yo kwubaka urwiwe, yabonye atagihinduka mu bijanye n’ubutunzi bwiwe ibintu ko vyabandanije nk’uko vyahora.

4. Alejandro Santo Domingo Davila

Imyaka 36, imiriyaridi 8.8 mu mafaranga y’abanyaburaya(euros). Santo nawe n’umuhinga mu vyakahise,akaba n’imfura ku mugore agira kabiri wa se. Ubu akaba ari mu rwego nyobozi rw’inzu ndangakaranga yitwa Metropolitan Museum of Art, ifise icicaro i New York muri Leta zunze ubumwe za Amerika.

5. Huiyan Yang Imyaka 31

Imiriyaridi 4.3 mu mafaranga y’abanyaburaya. (euros. Huiyan Yang, umukobwa w’uwatanguje uruganda rwitwa Country Garden Holdings akaba ariwe mupfasoni wa mbere atunze mu gihugu c’ubushinwa.

6. Scott Duncan, imyaka 30

Afise imiriyaridi 3.85 mu mafaranga y’abanyaburaya (euros). Scott Duncan naho akiri muto afise abana bane, akaba yasigiwe amatungo y’ishirahamwe business pétrolier ryahoze ari irya se Dan Duncan, akaba kandi ariwe yari yatanguje ishirahamwe Products Partners. Iryo shirahamwe ubu rikaba rikorera ku buringanire bw’ibirometero 80.500 aho bacukura ibitoro, gaz naturel n’ibindi.

7. Dustin Moskovitz, imyaka 28

Imiriyaridi 2.87 mu mafaranga y’abanyaburaya. Afatiye ku karorero k’abagabo bakomakomeye nka Bill Gates na Warren Buffet, Moskovitz atonda ku kazi n’ikinga, aramutse afata urugendo mu ndege yicara mu kibanza c’abasanzwe.

8. John Arnold, imyaka 38

Imiriyaridi 2.11 mu mafaranga y’abanyaburaya(euros). Mu kwezi kwa gatanu 2012, John Arnold yarababaje benshi inyuma yo gushikiriza ko ahagaritse imirimo ku myaka 38. We n’umupfasoni wiwe bamara igice kinini c’umwanya wabo mu bintu bijanye n’ubuhinga bwa none. uwo muryango warashoboye kwinjiza umuriyaridi w’amafaranga y’amanyaburaya avuye mu mashirahamwe yabo.

9. Yvonne Bauer, imyaka 35

Atunze umuriyaridi n’imiriyoni mirongo umunani n’umwe 1.81 mu mafaranga y’abanyaburaya(euros). Yvonne Bauer agaba ibice 85% vy’amatungo y’umuryango wiwe. Agira gatanu mu muryango arongoye ishirahamwe ry’umuryango, ry’ukumenyeshamakuru Bauer Media Group, ryatangujwe 1875. Iryo shirahamwe rikaba risohora ibinyamakuru 570 mu bihugu 16. Mu bufaransa candika ikinyamakuru Mxi.

10. Eduardo Saverin, imyaka 30

Umuriyari 1.66 mu mafaranga y’abanyaburaya (euros), niyo atunze. Akaba ari mu batanguje umuhora wa Facebook, Eduardo Saverin, akaba azwi cane kuba yari umugenzi cane wa Zuckerberg ariko amaze ku mwitwarira mu butungane, yahavuye aronka ibice 5% mu bikorwa vya Facebook. Ubu akaba afise ubwenegihugu bw’ihihugu ca Bresil akaba aba i Singapour.


Prosper Ndayikeza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.