Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urutonde rw’ibihugu bikomeye mu vya gisirikare - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urutonde rw’ibihugu bikomeye mu vya gisirikare

Urutonde rw’ibihugu bikomeye mu vya gisirikare

mercredi 30 Ndamukiza 2014

Mu rutonde rw’ibihugu bikomeye kw’isi mu vya gisirikare ruheruka kugirwa, muri Afrika igihugu ca Maroc kiri mu vyashizwe imbere naho igihugu ca Egiputa arico kiri imbere.

Nk’uko bishikirizwa n’umurongo ngurukanabumenyi “Global Firepower” wama ugira urutonde ku mwaka ku mwaka w’ibihugu bikomeye kw’isi mu vya gisirikare, igihugu ca Maroc kiguma gitangaza ibindi bihugu, ubu kikaba kigeze ku ntambwe yo kuja mu bihugu bikomeye muri Afrika mu vyagisirikare.

Muri urwo rutonde hakaba hisungwa ibitari bike mu gusuzuma igihugu cose kugira barabe ibihugu biza imbere y’ibindi mu vya gisirikare. Muri uno mwaka w’i 2014, kw’isi yose hakaba hatowe ibihugu bigera kw’106, muri ivyo 22 akaba arivyo muri afrika.

Igihugu ca Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’Uburusiya nivyo biza imbere mu rutonde rw’ibihugu bikomeye kw’isi mu vyagisirikare. Mu mugabane wa Afrika, igihugu ca Egiputa nico kiza imbere, aho kiri mu kibanza ca 13 kw’isi muri urwo rutonde.

Hakurikira igihugu ca Algeriya, hanyuma Ethiyopiya hagasubira Afrika y’Epfo. Igihugu ca Maroc kiza mu kibanza c’indwi mu mugabane wa Afrika, kw’isi yose kikaca kiza mu kibanza ca 65, inyuma cane y’igihugu ca Algeriya kiri mu kibanza ca 31 ku rwego rwo kw’isi yose.

Mwomenya ko, igihugu ca Maroc cari carasavye indege za gisirikare zigera kuri 24 (Avions de chasse) mu mwaka w’ 2008, kikaba citeze mbere no kwakira indege zirwanira hasi zituruka mu gihugu c’Ubufaransa.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.