Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urutonde rw’ibihugu kw’isi bitoroshe kuberamwo nyina w’ibibondo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Urutonde rw’ibihugu kw’isi bitoroshe kuberamwo nyina w’ibibondo

Urutonde rw’ibihugu kw’isi bitoroshe kuberamwo nyina w’ibibondo

mardi 6 Rusama 2014

Mu rutonde rwakozwe n’ishirahamwe mpuzamakungu "Save the children", mu ntonde ryama rikora ku mwaka ku mwaka, igihugu ca Somariya kiza imbere kw’isi muri uno mwaka w’2014 mu bihugu bitoroshe kuberamwo nyina w’ibibondo.

Urwo rutonde rw’ibihugu bitoroshe kuberamwo nyina w’ibibondo rukaba rwakozwe ku bagore bibarutse bo mu bihugu 178 vyo kw’isi, hisunzwe ukungene amagara y’abantu yifashe, ukungene abo bavyeyi baronswa inyigisho, hamwe n’ukungene amagara y’abana babo yifashe.
Ishirahamwe "Save the children”, rivuga ko ukutaronka inyishu y’ibibazo vyugarije imiryango, ari kimwe mu ntambanyi hamwe n’ingaruka zituma ibihugu bidatekanirwa. Aho hakavurwa igihugu ca Centrafrika, Somariya na Soudani. Abaharwirira mu mporero kenshi akaba ari abakenyezi n’abana.

Ku rutonde rwo muri uno mwaka w’2014 rw’ibihugu bitoroshe kuberamwo nyina w’ibibondo rwerekanywe kuri uwu wa mbere wa 5 Rusama 2014, ibihugu cumi biza ubwa mbere, bikaba ari ivyo muri Afrika. Igihugu ca Somariya akaba arico kiri imbere ya vyose kubera ubugararwa n’intambara vyugarije ico gihugu, bikaba bimaze guhitana abana barenga ku bihumbi 130 bishwe n’umwumwa n’inzara.

Kw’isi yose, igihugu ca Finlande kiza imbere, hagakurikira Norvege, hagasubira Suede, Islande, Pays-Bas, Dannemark hama Espagne mu bihugu vyorohereza abavyeyi n’ibibondo kubaho. Igihugu c’Ubufaransa kiza mu kibanaza ca 20, Reta nzunze ubumwe za Amerika nazo kikaza mu kibanza mu kibanza ca 31.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.