IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Urutonde rw’ivyigwa vyo kuri kaminuza INILAQE rwemejwe n’abahinga

Urutonde rw’ivyigwa vyo kuri kaminuza INILAQE rwemejwe n’abahinga

mardi 14 Rusama 2013

Ishure kaminuza”Institut International Libre d’Afrique ni rimwe mu mashure atanga ubumenyi mu gihugu c’Uburundi. Abarongoye iryo shure bashimye gukurikiza ibisabwa n’amategeko kugira iryo shure ryemererwe n’amategeko inyuma y’umwanya bari bamaze bakora.

Ni muri iyo ntumbero batunganije uruganda, kuri uyu wa kabiri, muri “Ego Hotel” rwo gusuzuma hama kwemeza urutonde rw’ivyigwa bitangirwa kuri iryo shure nk’uko amategeko abisaba.

Njangwa Gilbert-Becaud aserukira imbere y’amategeko kaminuza “Institut International Libre d’Afrique amenyesha ko ishure ribanza gukora hama abahinga bakiga integuro y’ivyo vyigwa, ari nayo mu bushikiranganji bakorerako mu kwemerera ishure gukora ku mugaragaro.

Njangwa Gilbert-Becaud aserukira imbere y’amategeko kaminuza “Institut International Libre d’Afrique

Inyuma y’ibikorwa vyo mu migwi, urutonde rw’ivyigwa bitangwa kuri "Institut international Libre d’Afrique" rwemejwe n’abahinga bo mu bisata bitandukanye. Icegeranyo c’ivyavuyemwo kikaba kizoshikirizwa ubushikiranganji bw’amashure ya Kaminuza haheze imisi cumi n’itanu, impinyanyuro zashikirijwe n’abo bahinga zahejeje gutosorwa.

Uwo aserukira iryo shure imbere y’amategeko yashikirije ko akenguruka ico gikorwa co kwemeza urwo rutonde rw’ivyo vyigwa bisanzwe ari ngirakamaro mu gihugu c’Uburundi, kuko bigisha ivyigwa bigezweho, vyishura ku kibazo co kubura kw’akazi cibonekeza mu gihugu.

Yamenyesheje kandi ico gikorwa caje hageze kuko abanyeshure biga hisunzwe bwa buryo bushasha bw’ivyigwa (BMD: Bacalauréat-Maitrise-Doctorat) bari bageze mu mwaka wa kabiri. Ku bwiwe rero, kaminuza Institut international Libre d’Afrique niyemererwa n’ubushikiranganji ko ikora hisunzwe amategeko, iyo mikangara izoheza ihabwe impamyabushobozi ata makenga.

Umuhinga womuri kaminuza y'igihugu

Egide Nduwimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.