IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Urutonde rw’ivyirwa ntabanduka bizotangwa mw’ishure shingiro rugiye (...)

Urutonde rw’ivyirwa ntabanduka bizotangwa mw’ishure shingiro rugiye kuboneka

lundi 3 Ntwarante 2014

Inyuma y’ishirwaho ry’ishure nshingiro mu Burundi, ivyigwa bitari bike vyarakozwe mu ntumbero yo gushiraho ivyigwa ntabanduka bizotangwa (progamme définitif) zizotangwa mu mashure nshingiro.

Ivyigwa bizotangwa mw’ishure nshingiro bizoboneka ku wa 15 Rusama 2014 mu ntumbero yo guteza imbere akanovera k’inyigisho, hamwe no gufasha mu gutanga inyigisho zidakumira. Ivyo akaba ari vyashikirijwe n’umushikiranganji w’amashure mato mato n’ayisumbuye muganga Rose Gahiru. Umushikiranganji Rose Gahiru yamenyesheje ko ubushikiranganji buriko burakora ibishoboka vyose, mu gushiraho ibitabu birimwo inyigisho zijanye n’ishure shingiro. Icatumye bateba, bikaba vyavuye ku mwanya ivy’itangwa ry’isoko ryafashe.

Rose Gahiru yamenyesheje ko, abahinga bazoshimikira n’ivyo inyuma y’inyigisho mw’’ishure nshingiro kugira barabe ukungene bahuza n’inyigisho zo mu bindi bihugu vyo mu karere.

Tubibutse ko inyigisho z’ishure nshingiro zifatiye ku myaka icenda, ikaba isubiriye imyaka itandatu yahahora. Ishure nshingiro rero rifise ibice bine igice ca mbere kigizwe n’imyaka ibiri ya mbere, igice ca kabiri kigizwe n’uwa gatatu n’uwa kane, igice ca gatatu kigizwe n’uwa gatanu, n’uwa gatandatu hamwe n’igice ca nyuma, arico ca kane kigizwe n’umwaka w’indwi, uw’umunani hamwe n’uw’icenda.


Floxella Karire

Messages

  • Weho sha wagerageza!Kuva aho ushikiye akajagari karagabanutse mu mashule.Ubwa mbere sinakwumva Kubera uri Muganga ariko wahavuye usubiza ibintu mu buryo!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.