Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uruvyaro rwa Martin Luther king ruri mu ndyane inyuma y’imyaka (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uruvyaro rwa Martin Luther king ruri mu ndyane inyuma y’imyaka (...)

Uruvyaro rwa Martin Luther king ruri mu ndyane inyuma y’imyaka 50

mercredi 26 Ruhuhuma 2014

Inyuma y’imyaka 50 iheze yitavye Imana, uruvyaro rwa Martin Luther King ruriko ruraryana rupfa igurishwa ry’ibintu bibiri ntakomwakomwa, ivyo navyo akaba ari igitabo ceranda Bibiriya, hamwe n’agashimwe kitiriwe amahoro yaronse "Prix Nobel de la paix"

Imyaka 50 iraheze Martin Luther King yitavye Imana, ariko umuryango wiwe uri mu ndyane zidasanzwe. Muri kino gihe, abana biwe boba bariko bapfa ivyerekeye igurishwa rya bibiriya yiwe, hamwe n’agashimwe k’amahoro yigeze kuronka. Bernice Albertine King afise imyaka 50 niwe muhererezi mu bana ba Martin Luther King mu bakiriho, kandi niwe yitwa ko ahagarariye itunga rya se. Impande yiwe hari mukuru we yitwa Marty na Dexter Scott King.

Abo bana biwe babiri bamenyesheje mushiki wabo w’umuhererezi mu mpera z’ukwezi kwa nzero ko bashaka kudandaza Bibiriya yahoze ari iya se wabo, mbere yatwara aho agiye hose, bagashaka kandi n’ukudanda agashimwe k’amahoro yigeze kuronse.
Kubw’umukobwa wiwe Bernice asanzwe yarabitse ahadata ivyo bintu bibiri vy’agaciro vya se mw’ibanki i Atlanta, ariyamiriza iryo gurisha. Yaranse gushika n’aho abo basaza biwe bamwitwarira. Uwo mukobwa yavuze ko bidashoboka ko bagurisha ivyo bintu ku muntu n’umwe canke ku kigo na kimwe, kuko bikwiye ko bidakomwakomwa.

Mwomenya ko izo ndyane zidatanguye muri kino gihe, kuko bari bafise n’ibindi bintu bapfa kuva abavyeyi babo bitavye Imana. Tuzobigarukako hanyuma


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.