Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uruyoya rwarokowe ubuzima n’imbwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Uruyoya rwarokowe ubuzima n’imbwa

Uruyoya rwarokowe ubuzima n’imbwa

mercredi 12 Ruheshi 2013

Pui, imbwa y’imyaka icumi n’ibiri yabaye incungu y’ukuri mu gihugu ca Taillande, inyuma yo kurokora ubuzima bw’ikibondo cari gihejeje kuvuka hama gitabwa mw’iyarara.

Amakuru dukura ku binyamakuru vyo mu gihugu ca Thailand, iyo mbwa izwi kw’izina rya Pui yubuye agasaho kari gatekeyemwo umwana w’umukobwa mw’iyarara riri hafi yaho bita i Bangkok, mu gihugu ca Thaïlande.

Iyo mbwa yaciye iterura aka gasaho gushika n’aho isanzwe iba. Ishitse yatanguye gukuga cane ihamagara shebuja wayo, ashitse yaratangaye cane amaze kwugurura ya saho agasangamwo uruyoya ariho rukivuka.

Uyo mwana rero akaba yari yavutse hatageze apima ikiro kimwe n’amagarama amajana umunani (1,8kg), aho yaciye ajanwa mu bitaro bihegereye.
Abaganga barizeje abantu ko ici kibondo kitegerezwa gukira.


Prosper Ndayikeza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.