Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwanda na Kenya birahakana ikumirwa ry’Uburundi na Tanzaniya muri (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Urwanda na Kenya birahakana ikumirwa ry’Uburundi na Tanzaniya muri (...)

Urwanda na Kenya birahakana ikumirwa ry’Uburundi na Tanzaniya muri EAC

jeudi 10 Gitugutu 2013

Inyuma y’umubonano w’abakenguzamateka 4 bo muri Kenya n’umukuru w’inama nkenguzamateka y’Urwanda, bagize ico bavuze ku bivurwa k’Uburundi na Tanzaniya vyoba bikumirwa mu migambi y’iterambere y’ibihugu bigize umruryango w’Afrika y’Ubuseruko (EAC).

Inyuma y’umubonano wa Dr Ntawukuliryayo Jean Damascene, umukuru w’inama nkenguzamateka y’Urwanda hamwe n’umurwi w’abakenguzamateka 4 bo muri Kenya, bagize ico bavuze ku bimaze iminsi bivugwa. Aho hamze iminsi havurwako Ubuganda, Kenya hamwe n’Urwanda bikumira ibihugu vy’Uburundi na Tanzaniya mu migambi ya EAC. Mutahi Kagwe, umwe mubakenguzamateka ba Kenya akaba yavuze ko atagihugu co mu muryango w’ishirahamwe ry’ibihugu vy’Afrika y’Ubuseruko cigeze gikumirwa mu migambi y’uwo muryango.

Kubwa Mutahi , nta gihugu bashaka ko cosigara inyuma mw’iterambere uwo muryango ushaka gushikako. Ariko yongeyeko ko bikenewe kwihuta, kandi ko igihugu cipfuza kwihuta kitoshobora gusigara inyuma. Icipfuzo akaba ari uko ibihugu bigize umuryango w’Afrika y’Ubuseruko vyosenyera ku mugoze.

Ku bw’umukuru w’inama nkenguzamateka y’Urwanda, Dr Ntawukuliryayo Jean Damascene, avugako bumvikanye n’abo bakenguzamateka bo muri Kenya ko bagiye guhamagarira ama Leta y’ibihugu bigize umuryango w’Afrika y’ubuseruko kwihuta gushira mu ngiro imigambi y’uwo muryango. Ukwo gushira mu ngiro iyo migambi nta gihugu rero na kimwe gikumiriwe. Kanatsinda, Jean Damascene nkuko abandanya abivuga, mu masezerano y’umuryango w’Afrika y’Ubuseruko, ibihugu bifise uburenganzira bungana. Icabaye rero akaba aruko ibihugu bimwe vyihutiye cane kurusha ibindi mu gushira mu ngiro imigambi y’umuryango. Ubundi ho nta gihugu cigeze gikumirwa mu migambi iyariyo yose iraba umuryango w’Afrika y’Ubuseruko.

Mwomenyako ibihugu vy’Ubuganda, Kenya n’Urwanda bimaze kugirana inama 2 ariko Uburundi na Tanzaniya bitarimwo. Izo nama bikavurwako zari zerekeye imigambi yega ivyo bihugu 3 gusa. Uburundi, kuruhande rwabwo, bukaba buherutse kumenyesha ko butanezerejwe no kubona butarimwo muri izo nama kumwe n’igihugu ca Tanzaniya.

Urwo rugendo rw’abakenguzamateka bo mu gihugu ca Kanya rukaba rufise intumbero yo kugendera inama nshingamateka zose zo mu karere k’Afrika y’Ubuseruko.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.