Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwaruka rukwiye gukura amaboko mu mpuzu rugatunganya imigambi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Urwaruka rukwiye gukura amaboko mu mpuzu rugatunganya imigambi

Urwaruka rukwiye gukura amaboko mu mpuzu rugatunganya imigambi

lundi 23 Nyakanga 2013

Harageze ko abarundi muri rusangi, urwaruka, vy’umwihariko bahindura ingendo bakijukira gukora imigambi yabo yo kubateza imbere. Iyo niyo ntumbero y’uruganda rw’inyigisho zateguwe n’ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe API (Agence Burundaise pour la Promotion des Investissements), ku rwaruka 30 rutagira akazi kugira babigishe gukora imigambi.

Uruganda rwatanguye kuri uyu wa mbere rwuguruwe icese n’uwaje aserukira ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama. Rwateguwe n’ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe, gifadikanije n’ikigo cigisha gutunganya amashirahamwe (ISGE : Institut Supérieur de Gestion des Entreprise ), hamwe n’ishirahamwe ABEJ (Agence Burundaise d’Appui à l’Empoi des Jeunes, ryishinze gufasha kuronderera ubuzi urwaruka. Muri urwo ruganda bakazokwigishwa ibintu nyamukuru bikurikira iyo gukora umugambi vyavuyemwo, kwiga isoko canke aho ushobora kurangurira umugambi, aho gukura ibikoresho hamwe n’abakozi, batibagiye n’aho umuntu yokura uburyo bwo gutanguza umugambi.

Nk’uko umwigisha muri kaminuza Nibizi François asanzwe ariko aratanga inyigisho abimenyesha, vyarabonetse ko mu Burundi abantu badakunda gukora imigambi niyo bayikoze usanga ari ukwiganana. "Kugira mu Burundi habeho umugenzo wo gukora imigambi vyofata imyaka n’imiburiburi 25. Ni nayo mpamvu batanguye ubu kugira bigishe kugira ingendo yo kwama umuntu arindira ko Leta ariyo itanga ubuzi ituzwe burundu mu gihugu."

Umwigisha François Nibizi akaba asaba Leta y’Uburundi gushigikira utwo twigoro turiko turavuka kuko amabanki ntiyoronka amafranga aha urwo rwaruka. Ikindi kandi, arahimiriza cane cane amashengero gutandukana n’ingendo yo kwigisha amajambo amwe amwe asa n’ayahimiriza kugira ubunebwe nk’uturorero : "Ntukiganyire kuco uzokwambara canke uzofungura", N’inyoni zo mu kirere zirasarura zitabivye", n’ayandi majambo mwenayo. Avuga ati : "Ahubwo baze barigisha ubutumwa buhamagarira abantu gukura amaboko mu mpuzu bagakora imigambi, kanatsinda Imana yaturemye kugira natwe dufashe kurema." N’urwaruka ruriko rurakurikira izo nyigisho rurashima cane izo nyigisho bariko barahabwa. Bavuga bati : N’aho bigoye kuronka abaduha uburyo kugira dukore, turashima cane izo nyigisho kuko ni ngirakamaro."


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.