Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwaruka ruyoboka Morsi rwaturiye inyubakwa ya kaminuza Al- (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Urwaruka ruyoboka Morsi rwaturiye inyubakwa ya kaminuza Al- (...)

Urwaruka ruyoboka Morsi rwaturiye inyubakwa ya kaminuza Al- Azhar

samedi 28 Kigarama 2013

Urwaruka rwiga muri kaminuza rushigikiye aba frères musulmans rwaturiye inyubakwa y’igisata c’ubudandaji muri kaminuza y’i Kayiro yitwa Al-Azhar mu gihe ku munsi w’ejo hari hahagaritswe abari mu myiyerekano 250: Ivyo bikqbq vyavuzwe n’amakuru ava mu nzego z’umutekano.

Iryo sanganya ribaye rero mu gihe ku munsi w’ejo abayoboke ba Morsi, uwahoze ari umukuru w’igihugu ca Misiri, atembagarijwe n’igisirikare ca Reta aho abantu batanu bahasize ubuzima, nk’uko bivugwa n’amakuru ava mu bitaro aho i Kayiro. Muri iyo myiyerekano abagera 265 bakaba bahagaritswe.

Abo banyeshure barinjiye muri ico gisata c’ubudandaji bahagarika ikibazo cariko kirakorwa hama iyo nyubakwa bayiha umucanwa. Abapolisi hamwe n’abari mu bashinzwe gucungera umutekano baciye binjira muri iyo nyubakwa hama baca babateramwo vya vyuka bikoroza amosozi (gaz lacrymogenes) kugira babashwiragize. Uwo mucanwa waturiye inivo zibiri z’iyo gorofa yaciye izimwa n’abamwe bazimya bita "pompiers", ariko akaba atanumwe yahasize ubuzima.

Abayoboke ba Morsi bakaba bateye iyo nyubakwa kuko ubuyobozi bw’iyo kaminuza bwoba bwarashigikiye cane igisirikare ca Reta igihe catembagaza umukuru w’ igihugu Morsi hari mu ntango z’ukwezi kwa Mukakaro. Reta ikaba yamenyesheje ku munsi wa gatatu ko aba frères musulmans bashizwe mu mirwi y’iterabwoba kw’isimu gihe hari haraye habaye umutego w’abihevyi wahitanye abantu 15 mu Buraruko bw’igihugu n’umurwi w’abajihade. Ubu rero abakuru b’aba frères musulmans bakaba bahakwa gucirwa igihano co gupfa kuko bagira iterabwoba nk’uko bimenyeshwa n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Hany Abdel L atif.

Abayoboke ba Morsi bakaba babujijwe kugira imyiyerekano mbere n’ikinyamakuru c’uwo murwi "Liberté et Justice" kikaba carahagaritswe mbere n’umugambwe wabo warabujijwe. Kuva Mohamed Morsi atembagajwe, mu Misiri nta gahengwe kigeze kahaba.


KARIRE Floxella

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.