Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Urwaruka rw’Uburundi rurafise impano z’ugukina neza umupira w’amaguru" - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > "Urwaruka rw’Uburundi rurafise impano z’ugukina neza umupira w’amaguru"

"Urwaruka rw’Uburundi rurafise impano z’ugukina neza umupira w’amaguru"

mercredi 4 Ruheshi 2014

Umurwi w’umupira w’amaguru wa Magara Star FC kuva utanguye kw‘igenekerezo rya 31 Ntwarante uwu mwaka, ugeze ku ntambwe ishimishije kuko utaratsindwa na rimwe mu nkino zitandatu umaze gukina.

John Clinton Nsengiyumva yatanguje Magara Star FC

Mu kiganiro uwatanguje uwo murwi yahaye ikinyamakuru IGIHE, John Clinton Nsengiyumva amenyesha ko mu nkino zishika zitandatu zimaze gukinwa na Magara Star FC kuva muri Ntwarante gushika mu ntango za Ruheshi 2014, bamaze gutsinda inkino zitanu nayo urukino rumwe bakaba baranganije. Kuri uwu wa 8 Ruheshi, uwo murwi ukaba uzokina urukino rwa nyuma mu murwi A basanzwe barimwo, nibatsinda, bakaba bazoca barindira guhura n’umurwi uri muri B uzoba watsinze, mu rukino rwa nyuma.

Twobamenyesha ko uwo murwi wa Magara Star FC watanguye mu ntumbero yo mu mugambi wo gushigikira inkino z’umupira w’amaguru, biciye muri Fondation Nsengiyumva Global Development, irongowe na John Clinton Nsengiyumva. Nsengiyumva akemeza ko kuva uwo murwi utanguye, yagiye arabona urwaruka rwo hagati mu gihugu c’Uburundi ko hari impano z’ugukina umupira neza, ariko ugasanga ntabashotse babibona, impano z’urwo rwaruka ugasanga ntakamaro zimariye igihugu na nyenezo, kuko baba batashoboye kuronka aho bazerekanira.

Uwo murwi wa Magar Star FC ukaba umaze n’ugutera imbere mu buhinga bwa none nk’uko tubandanya tubishikirizwa n’uwawutanguje, kuko ufise umuhora w’urubuga ngurukanabumenyi, ari naco gituma abo kwipfuza kuwushigikira canke kumenya amakuru menshi kuri wo, bashobora kuyasanga kuri www.MagaraStarFC.com canke bakaja kumuhora wabo www.umugenzi.com/magarastarfc co kimwe no kuri www.facebook.com/magarastarfc.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.