Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwaruka rwahoze mw’ibarabara ruzoserukira Uburundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Urwaruka rwahoze mw’ibarabara ruzoserukira Uburundi

Urwaruka rwahoze mw’ibarabara ruzoserukira Uburundi

lundi 23 Kigarama 2013

Uburundi buzokwitaba inkino mpuzamakungu z’umupira w’amaguru z’isi yose, z’abana bahoze mw’ibarabara, aho buzoserukirwa n’umurwi w’urwaruka rwahoze ruba mw’ibarabara ruri mw’ishirahamwe New Generation.

Ishirahamwe New Generation, rirongowe na Dieudonne Nahimana, ryatanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru. Nahimana amenyeshako intumbero nyamukuru y’ikiganiro kwari kumenyesha aho imyiteguro igeze, narirya inkino zegereje. Abandanya avuga ko Uburundi bwatowe mu bihugu bizokwitaba izo kuva uno mwaka utanguye, ivyo rero vyarafashije ku myiteguro ku bijanye n’ubuhinga, naho n’ubu bakeneye cane abakamirikiye mu kumenyereza umupira w’amaguru kugira bafashe abakinyi muri aya mezi makeyi asigaye. Kuri we, ikibazo kinini gisigaye ku bijanye n’uburyo, kuko ibihugu vyose bizokwitaba ayo mahiganwa vyasabwe gutanga ibice 20% vy’amahera azokoresha muri izo nkino. Muri New Generation bamaze kuronka hafi igice cayo mahera. Nahimana atera akamo reta, amashirahamwe yabikorera ivyabo, eka umuntu wese afise ico yoterera kugira ayo mahirwe Imana itanze kuri abo bana bahoze mw’ibarabara ntabacike.

Muri ico kiganiro, uwaserukiye umushikiranganji w’urwaruka, inkino n’imicokama yamenyesheje ko agiye gushikiriza uwa mutumye ivyo ishirahamwe New Generation rimusaba kandi yatanze icizere ko ubushikiranganji buzogira ico bufashije. Yarangije asaba abo bagiye gutwara ibendera ry’Uburundi guhagararira igihugu cabo maze baze bazane intsinzi. Hagati aho, herekanywe ireresi ryerekana abana bo mw’ibarabara bariko bimenyereza umupira w’amaguru, ururirimbo rw’abo bana rwasamiranye. Inyuma y’ivyo bamwe mu bahoze mw’ibarabara bashinze intahe, y’ubuzima bubi babayemwo imbere y’uko uwo bita umuvyeyi wabo abarengukako uwo nawe ni Dieudonne Nahimana.

Inkino mpuzamakungu z’umupira w’amaguru z’isi yose zihuza abana bahoze mw’ibarabara, zizotangura kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante gushika 6 Ruheshi 2014. Umurwi wa New Generation urongowe na Vianney Ndihokubwayo, uzohurira mu gihugu ca Bresil, mu gisagara ca Rio de Janeiro, n’imirwi 15 y’abagabo, hamwe n’iyindi 8 y’abagore. Imirwi 4 n’iyo izoseruka Afrika muri izo nkino.

JPEG - 32.2 ko
umukuru w’ishirahamwe n’uwaserukiye umushikiranganji

Izo nkino zifise intumbero yo gukingira urwaruka no guha urwaruka amateka rufitiye uburenganzira. Inyuma y’inkino abakinyi ba New Generation bazozunguruka Uburundi aho bazoba bariko batanga ubutumwa bwo kwubaka igihugu, narirya igituma abana baja mw’ibarabara hanini ari intambara. Muri kazoza iryo shirahamwe ryipfuza kuzokwubaka ikigo kizokwkiriramwo abana bazoba bari mw’ibarabara aho bazoshobora ku mu mahoro bongere baharonkere inyigisho zobafasha muri kazoza.

JPEG - 31.9 ko
abitavye ikiganiro

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.