IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Urwaruka rwegukira Ekreziya gatorika rusaba Leta kwitaho ikibazo (...)

Urwaruka rwegukira Ekreziya gatorika rusaba Leta kwitaho ikibazo c’indero

samedi 22 Ruheshi 2013

Mu butumwa bwasohowe kuri uyu wa gatanu n’urwaruka rwegukira Ekleziya catolika rwo mu ma kaminuza yose ya hano mu Burundi, basaba Leta kwitaho ibibazo bihanze igisata c’indero mu Burundi.

Urwo rwaruka rurasaba Leta rushimitse ko yokwiyumvira gutunganya ama nama rukokoma (Les étatsGénéraux) yo kwiga ibibazo bihanze igisata c indero, ivyo navyo ni nk’ugusubira kwihweza intonde z’ivyigwa zo mu mashure matomato n’ayisumbuye, ukurabira hamwe amahinduka ariko araba mu ntonde zivyigwa zo mu mashure matomato n’ayisumbuye narirya hari amahinduki ariko araba mu bijanye n’intonde muri ico gisata hamwe rero n’ukuraba ingene abigisha bokora banonokewe mu kazi kabo.

Muri ubwo butumwa urwo rwaruka rwarasavye Leta gukurikiranira hafi ingene ama kaminuza yigenga akora mbere ikanahana ayaba yatirimutse ku gikorwa yishinze co kurerera igihugu.

Urwo rwaruka nyene ntirwibagiye gusaba abanyepolitike ko bokwigisha kwifata runtu urwaruka ruhurikiye mu migambwe yabo, mbere bakarwigisha n’ugukunda igihugu cabo aha bakaba batibagiye no gutera akamo urwo rwaruka nyene ruhurikiye muri iyo migambwe kwanka inyigisho zose zoza zibatandukanya n’Urundi rwaruka badahuje imigambwe.

Urwo rwaruka rwegukira Ekreziya gaturika rwarangije ubwo butumwa ruhamagarira urundi rwaruka gukoresha inguvu rufise mu bikorwa vy’ iterambere mu ntumbero yo guteza imbere igihugu.


Egide Ndayisenga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.