Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Urwego rw’igendereza nirwo rwoba rwamugize ukwo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urwego rw’igendereza nirwo rwoba rwamugize ukwo

Urwego rw’igendereza nirwo rwoba rwamugize ukwo

jeudi 25 Mukakaro 2013

Umugabo yari yaje avuga ko ari umuhinga mu vya politique y’aba Femen Victor Sviatski, yarakubiswe arashaya hafi y’inyubakwa y’iryo shirahamwe i Kiev ku murwa mukuru w’igihugu ca Ukraine inyuma y’urugendo rwa Vladmir Poutine.

Viktor akaba yajanywe kwa muganga n’imodokari ya rusehabaniha, mu maso iwe hatabagajwe n’amahiri yakubiswe, amenyo barahungururira hasi, mu gihe n’agasakanwa kiwe kababaye cane, ndetse akaba yajanywe kwa muganga ubwenge bwanyitse. Urwandiko rwashizwe ahabona n’abari mw’ishirahamwe Femen, bavuga ko iryo kubagurwa rya Viktor ryakozwe kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Mukakaro ku muhingamo, n’abagabo babiri batashoboye kumenyekana. Ariko biravurwa ko boba ari abantu bakorera urwego rw’igendereza muri ico gihugu ca Ukraine, ivyo bikaba vyemezwa na Anna Goutsol umwe mu barongozi b’uyo muhari.

Twobibutsa ko uyo muhari uhurikiyemwo abakobwa bagira imyiyerekano bari gusa, igikiriza cabo kiri ukwo Imana yakiremye. Abari muri uyo muhari rero ngo boba barakubaguwe igihe Vladmir Poutine yari aje mw’ihimbazwa ry’imyaka 1025 Uburusiya bumaze buronse izina. Abo bigeme rero amabere yabo ari hejuru, bavuga ko nabo nyene babujijwe kandi bari bafise uburenganzira bwo kugira urubanza nk’abandi.

Anna Goutsol amenyesha ko Viktor Sviatitski yari yaje ava mu gisagara ca Khmelnitski mu Burengero bwa Ukraine aho asanzwe avuka, mu gihe hari imigambi imwe imwe yari aje kubafasha ndetse hakaba hari n’impanuro bipfuza ko abaha iminsi mike imbere y’uko Poutine ashika muri Ukraine. Abo bagore bahurikiye mu muhari Femen bakaba bakunze guhura n’ingorane zitandukanye aho ku wa 21 Mukakaro inzu yabo yahiye iratokombera igihe c’isaha 11 z’igitondo nk’uko vyashikirijwe n’uwurongoye igisata c’abakobwa muri uyo muhari Inna Shevchenko.

Gushika n’ubu rero icateye uyo muriro kikaba kitaramenyekana. Ikindi kandi, ni ukwo abo bigeme bakunzwe gutotezwa n’abapolisi mu gihe aho baroye hose baterwa ivyatsi kuko bagira imyiyerekano bambaye ubusa mu gikiriza. Twobibutsa abamaze iminsi bapfungiwe mu gihugu ca Tuniziya bagirizwav ko barenze ku mategeko y’ico gihugu mu kugira imyiyerekano amabere yabo ari hejuru.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.