Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA: Abantu 3 bapfuye ahabera amahiganwa yo gusiganwa i Boston - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA: Abantu 3 bapfuye ahabera amahiganwa yo gusiganwa i Boston

USA: Abantu 3 bapfuye ahabera amahiganwa yo gusiganwa i Boston

lundi 15 Ndamukiza 2013

Abantu barenga babiri bapfuye abandi barenga 100 barakomeretswa n’ivyaturitse hafi y’ahabera amahiganwa yo gusiganwa ya Marathon muri Boston.

Ibintu vyaturitse hafi y’aho abasiganwa bariko barakorera , vyateye akajagari mur’ayo mahiganwa eka ari no mu yambere yitabirwa na benshi muri Amerika.

JPEG - 66.4 ko

Ivyaturitse bibiri vya mbere vyasa n’ivyaturikiye rimwe, ica gatatu giturikira ahandi, mu kibanza co gisomerwamwo ibitabo ca JFK nk’uko bivugwa n’igipolisi.
Icaturikije ivyo bintu ntikiramenyekana.

Umukuru w’igihugu c’Amerika Obama yahamagaye umukuru w’igisagara ca Boston Tom Menino, n’umukuru w’intara ya Massachusetts Deval Patrick, abamenyesha ko ubutegetsi ku rwego rw’igihugu bwiteguriye gufasha.

Ubutegetsi bw’igihugu bujejwe uruja n’uruza rw’indege, bwategetse ko ata ndege isubira guca mur’ako karere.

Nayo umutekano wakomejwe mu bibanza bihambaye vya Washington DC na New York.
Abanonotsi 25000 nibo biyandikishije kuja mur’aya mahiganwa ya marathon.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.