Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
USA : Abantu barenga 12 nibo bahitanywe n’amasasu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA : Abantu barenga 12 nibo bahitanywe n’amasasu

USA : Abantu barenga 12 nibo bahitanywe n’amasasu

mardi 17 Nyakanga 2013

Umukuru w’igipolisi mu gisagara ca Wasgington D.C Cathy Lanier, aremeza urupfu rw’abantu barenga 12, bahitanywe n’inkozi z’ikibi igihe zarasa amasasu menshi y’urudavagi, mu kibanza mu kibanza ca Washington Navy Yard, ahantu harangurirwa ibikorwa vy’ingabo zo mu mazi ku murwa mukuru wa Leta Zunzubumwe z’ Amerika.

Umupfasoni Lanier avuga ko abapolisi bo muri FBI baja bamaze gutangura amatohoza, bakaba bariko baragenzura ico kibanza ca Navy Yard kugira bamenye abo bantu bakoze iryo bara abo aribo. Umukuru w’igisagara ca Washington avuga ko abagize ivyo atakubaronderera kure, ko ari abantu bitwaza iterabwoba. Inyuma y’amasaha make ubwo bwicanyi bwahitanye abantu barenga icumi na babiri, n’abandi benshi bakomeretse kuri uyu wa 16 Nyakanga uyu mwaka, umukuru w’igihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika Barack Obama arahoza imiryango yabuze, ndetse agahamagarira abanyamerika bose kwereka urukundo abari mu kigandaro. Asaba urwego rw’igipolisi ko kugira amatohoza, kugira vuba bwango abakoze ubwo bwicanyi bamenyekane, kandi bashikirizwe ubutungane.

Ico kibanza rero caraye gitewe kikaba gikoreramwo abantu barenga ibihumbi bitatu, kikaba kiri hafi y’ibirometero bibiri vy’ahakorera inama nshingamateka ya Leta zunzubumwe z’Amerika.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.